Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 17:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ewe musozi wanje wibonekeza mu gihugu, ibintu vyawe n’itunga ryawe ryose nzobigomorera binyagwe, bo n’ibitabo vyawe vyatabge ku mpinga z’imisozi, kubg’ ivyaha, bihereye ku mbibe zawe zose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 17:3
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Asahura ibitunzwe vyose mu ngoro y’Uhoraho, bo n’ivyo mu ngoro y’umwami, amenagura n’ ibintu vyose vy’imbombovu vy’ izahabu vyari mu rusengero rw’ Uhoraho, ivyo Salomo umwami w’Abisirayeli yari yaracurishije, nk’uk’ Uhoraho yavuze.


Kuko bayirakishije ibitabo vyabo bātavye ku mpinga z’imisozi, Bayiteje ifūhe ibishushanyo vyabo vy’ibigirwamana.


Ivyo ni vyo bizotuma ukugabitanya kwa Yakobo kuzokwozwa, kumuveko; kand’ imbuto zose zizova mu gukūrwakw icaha ciwe n’izi: n’ukw azohindura amabuye yose y’igicaniro nk’ingwa y’amabuye ihondaguwe, kugira ngw inkingi zari zarashingiwe Ashera n’iz’ izuba ntizize zishingwe ukundi.


Abanyazi baserutse ku mpinga zose mu ruharabuga: kukw inkota y’Uhoraho iriritse, uhereye ku mpera y’igihugu ugashitsa ku yindi: nta muntu n’umwe afise amahoro.


Ibintu vyawe n’itunga ryawe nzobigomorera binyagwe ata biguzi, kubg’ ivyaha vyawe vyose, bihereye ku mbibe zawe zose.


Ikigeretseko nzotanga itunga ryose ry’iki gisagara, n’ivyar’ inyungu zaco, n’ivy’ igiciro vyaco vyose, mbere n’ibitayega vyose vy’abami b’i Buyuda, mbitange mu maboko y’abansi babo bazoba babanyaze, babafashe, babajanye i Babuloni.


Rāba nzohigūra nawe, wewe gisagara cubatswe ku mushasha, ku gitandara co mu kiyaya, ni jewe Uhoraho mbivuze; yemwe abavuga, muti Ni nde yorinduka kumanuka ngw adutere? Canke ni nde yoshika mu ngo zacu?


bati Mika w’i Moresheti yavugishwa n’Imana ku ngoma ya Hezekiya umwami w’i Buyuda; kandi yabariye abantu bose b’i Buyuda, at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Siyoni hazosīzwa hahinduke nk’ubusīze, Yerusalemu hazohinduka ibirundo vy’ amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uzohinduka nk’ikibira kiri ku mpinga z’imisozi.


Umurwanizi yashingirije ukuboko kwiwe ibintu vyaho vyose bihimbara: Kandi hitegereje ingen’ abanyamahanga binjiye ahantu haho hēra, Abo wari warahakaniye ko badakwiye kwinjira mw ikoraniro ryawe.


Kandi nzokugabura mu maboko yabo, na bo bazosambura ka kanyabugoro kar’ ahibonekeza, basangangure na vya bitabo vyawe; bazogukoba n’imyambaro yawe, bakwake na twa tugenegene twawe twiza: maze bagusige uri gusa ur’amēnya.


Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobavyukiriza igitero, mbatange bateragiranwe hirya no hino kandi basahurwe.


uti Yemwe misozi y’i Bgisirayeli, ni mwumve ijambo ry’Umwami Uhoraho: Uku ni k’Umwami Uhoraho abgira imisozi n’uturambi, imigezi n’ imyonga, at’ Ehe jewe ubganje nyene nzobatērēra inkota, nkomvomvore ibitabo vyanyu vyo ku mpinga z’imisozi.


Kandi nzokomvomvora ibitabo vyanyu vyo ku mpinga z’imisozi, nsiture ibishushanyo vyanyu vy’izuba, nshiburire imivyimba yanyu ku mirambararo y’ibigirwamana vyanyu; kandi nzobazinukwa mu mutima wanje.


Nuko ni co gituma Siyoni hazohinduka ubusīze kubganyu, n’i Yerusalemu hahinduke ibirundo vy’amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uhinduke nk’ ikibira kiri ku mpinga y’umusozi.


Itunga ryabo rizocika isahu, n’amazu yabo ahinduke imisaka: mbere bazokwubaka amazu, ntibayabemwo, batere n’imizabibu, ntibanywe vino yayo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ