Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 17:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 abana babo bibuka ibicaniro vyabo, n’ibigirwamana vyabo vya Ashera vyashinzwe i ruhande y’ibiti bitotahaye ku misozi miremire.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 17:2
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze baca baheba ingoro y’Uhoraho Imana ya ba sekuruza, basaba Ashera n’ ibindi bishushanyo. Uburake bg’ Uhoraho buraheza buza ku Bayuda no ku b’i Yerusalemu kubg’ ico gicumuro cabo.


Kandi n’ivy’ isengesho ryiwe, n’ ingene yemerewe, n’ivy’ ivyaha vyiwe vyose n’ugucumura kwiwe, n’ivy’ ahantu hose yatavye ibitabo, akahashinga inkingi za Ashera n’ibishushanyo bibājwe, ataricisha bugufi, ivyo vyanditswe mu majambo ya Hozayi.


Yongera gutabisha ibitabo ku mpinga z’imisozi, ivyo se Hezekiya yari yarasibanganije, yubakira za Bayali ibicaniro, abāza igishushanyo ca Ashera, asenga ingabo zose zo kw ijuru, ari zo nyenyeri, arazisaba.


Kuko bayirakishije ibitabo vyabo bātavye ku mpinga z’imisozi, Bayiteje ifūhe ibishushanyo vyabo vy’ibigirwamana.


ariko muze musangangure ibicaniro vyabo, mumenagure amabuye bāshinze, mutemagure inkingi bāshingiye Ashera;


Kuko muzomāramāzwa n’ibiti vy’imyeloni mwishimiye, kandi muzokwumizwa n’ibigabiro mwashimye;


Kandi ntazotumbera ibicaniro, ivyo yubatse n’amaboko yiwe, ntazoshira amaso ku vyo intoke ziwe zakoze, canke ku nkingi bashingira Ashera n’izo bashingira izuba.


Kuk’ uhereye kera wavunnye ingōgo yawe, ugacagagura imvuto, ukavuga, uti Sinkikugera inyuma! Mbere nta ho utāgiye uryama nka maraya ku musozi wose muremure no musi y’igiti cose gitōtahaye.


N’ukuri kwishimira ugutabarwa kuva ku misozi n’ukw’ ubusa, bo n’akarūru ko ku misozi miremire: n’ukuri Uhoraho Imana yacu muri we ni ho har’ agakiza k’Abisirayeli.


Kandi ku ngoma y’umwami Yosiya, Uhoraho arambarira, ati Mbega wabonye ico Isirayeli Inamusubiranyuma yakoze? Yadūze umusozi wose muremure, akaja no musi y’igiti cose gitōtahaye, akīhindurirayo maraya.


Abana batoragura udukwi, ba se bagacana umuriro, abagore bagacumba, ngo bahakurire imitsima umwamikazi wo mw ijuru, kandi ngo basukire ibiturire izindi mana, ngo bantere ishavu.


kuko, mmaze kubashitsa mu gihugu, ico narahiye mmanitse ukuboko ko nzobaha, uko babonye umusozi wose muremure n’igiti cose gitotahaye, baciye bahatangira ibimazi vyabo, baba ari ho bashikanira ishikanwa ryabo ryo kundatsa; ni ho batangiye ibizana imibabge imota neza, bakahasukira amashikanwa yabo y’ibiturire.


Ntimuze mubure gusangangura ahantu hose aho ayo mahanga mugiye kwirukana yahora asengera ibigirwamana vyabo, ari ku misozi miremire, ari ku mirambi, ari musi y’igiti cose gitōtahaye.


Maz’ Abisirayeli bakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, bibagira Uhoraho Imana yabo, basaba za Bayali na za Ashera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ