16 Ariko jewe ubganje sinanse kuba umwungere nk’uk’ ugomba; sinifuje wa musi w’ivyago, nawe urabizi: ico navugishije akanwa cose car’ imbere yawe.
kuko ntacishije i ruhande mbabgira ivy’ Imana yagabiye vyose.
Kandi murazi yukw ata jambo ribereye nacishije i ruhande kubabgira canke kubigishiriza imbere y’abantu mu nzu no mu yindi.
Bene Data, muri mwebge ntihakabe benshi barondera kuba abigisha: murazi ko tuzocirwa urubanza ruruta iz’ abandi.
Ivyo murabizi, bene Data nkunda. Yamar’ umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka:
Kuko tutari nka bamwe benshi, bacurūrīsha ijambo ry’Imana, ariko tuvuga nk’abatagira ubugunge, bavuga ibiva ku Mana, ni ko tuvuga muri Kristo, imbere y’Imana.
Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.
Iyo mvuze, nti Sinzosubira kumuvuga, canke ngo ngire ico mvuga mw izina ryiwe, haca haba nk’umuriro uyingana mu mutima wanje, uhīshije uburimbi amagufa yanje, bikangora kwiyumanganya, nkaba ntobishobora.
Mbeg’ iciza cokwishurwa ikibi? Ko banyimbiye icobo! Ibuka ingene nahagaze imbere yawe kugira ngo mbavugire neza, kugira ng’ uburake bgawe bubaveko!
Ariko ni mwanka kuvyumva, umutima wanje uzoririra mu mpisho, urizwe n’ubgibone bganyu; amaso yanje azorira cane, acundugute amosozi, kuk’ umukuku w’intama z’Uhoraho unyazwe.
Icompa umutwe wanje ukuzuramw’ amazi, amaso yanje akaba isōko y’amosozi, kugira ngo name ndira ku murango no mw ijoro, ndirira abishwe ba wa mukobga, ari bo bgoko bgacu!
Ariko wewe, Uhoraho, uranzi; urambona, ugerageza umutima wanje ng’ urābe uk’ ukumereye: ubakwegere kubāgwa nk’intama, ubategurire umusi wo kubāgirwako.
Banka ūhanūrira mw ishikiro ry’igisagara, bakazinukwa ūvuga ivy’ ukuri.
Ewe Uhoraho, ivyo urabizi: nyibuka, ungendere, umpōre abandendereza; ntunkūreho, kubg’ ukwihangana kwawe: menya kw ari kubgawe ntukwa.
Ewe Uhoraho, waranyoheje ndoha, wandushije inkomezi, uranjaniranya: mpindutse agatwengo kurenza umusi, umuntu wese arancokora.