Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 17:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Icaha ca Yuda candikishijwe ikaramu y’icuma, n’ akabuye gasongoye kitwa alimasi: canditswe ku bisate, ari vyo mitima yabo, canditswe no ku mahembe y’ibicaniro vyabo;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 17:1
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ubuntu n’ukuri ntibikuveko, Ubipfundike mw izosi ryawe, uvyandike ku gisate, ni co mutima wawe:


Bipfundike ku ntoke zawe, Uvyandike ku gisate, ni co mutima wawe.


Ehe ngushushanije mu biganza vyanje; inzitiro zawe ndazihozakw amaso.


Kuk’ ukw ibisagara vyawe bingana, ewe Buyuda, ari kw izo mana zawe zingana: kandi nk’ukw inzira zo muri Yerusalemu zingana ni ko mwagiye mushirah’ ibicaniro mubishiriyeho bga buyobe bganyu, ni vyo bicaniro vyo kwoserezakw imibavu Bayali.


Naho wokwiyuhagiza ivyitwa amagadi, ukīyabīrira n’isabuni nyinshi, ukugabitanya kwawe kuzoba ubgome imbere yanje, ni jewe Umwami Uhoraho mbivuze.


Arikw iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’ iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.


Ewe Yerusalemu, ni wuhagire umutima wawe ivyaha, kugira ng’ ukizwe. Uzogeza ryari kwama usembereza ivyiyumviro vyawe bibi mu mutima?


Mbeg’ i Gileyadi ntihar’ ibigabitanyo? Eka rwose n’abatagira ikimazi! I Gilugali bacumita amapfizi kw ibimazi: mber’ ibicaniro vyabo bimeze nk’ibihongo vyo mu busīze bgo mu ndimiro.


Kandi mu mitima yabo ntibiyumvira yuko nibuka ivyaha vyabo vyose; noneh’ ibikorwa vyabo bibataye hagati, kandi biri mu nyonga zanje.


Efurayimu ko yakwiragije ibicaniro vyo gukora ivyaha, ivyo bicaniro bizomubera ivyaha nyene.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso y’ico kimazi gitangiwe ivyaha, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco ayavyagize hasi hambavu y’ico gicaniro.


Mbere bīkomantaje imitima imera nk’isare, ngo boye kwumva ivyagezwe n’amajambo Uhoraho Nyen’ ingabo yarungitse muri Mpwemu wiwe, ayavugira mu bavugishwa na we ba kera; ni co catumye uburake buhambaye buva k’Uhoraho Nyen’ ingabo.


Kuko muboneka ko mur’ icete Kristo yatwandikishije, nk’ukw igikorwa cacu kiri; kitandikishijwe wino, ariko candikishijwe Mpwemu w’Imana nzima; kitanditswe ku bisate vy’amabuye, ariko canditswe ku bisate ni vyo mitima y’inyama.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ