7 kandi nta bazosangira ibiryazagu vyabo; abābuze se canke nyina ntibazobazanira ikarabo ryo kubibagiza umubabaro.
Maz’ abo bavukana bose baraza, na bashiki biwe bose, n’abāri bāzinanyi na we bose ubga mbere, basangirira na we mu nzu yiwe; baje kumugarukirako no kumwirura kubg’ ivyago vyose Uhoraho yari yaramutēje; umuntu wese amuha ihera ryitwa kesita n’impeta y’ izahabu.
Nuko ndasubira nitegereza ivy’ agahahazo vyose bikorerwa musi y’izuba: kand’ eh’ amosozi y’abahahazwa ntibaronke ikibīrūra; kand’ ububasha bgari ku ruhande rw’ ababahahaza, ariko bo ntibaronke ikibīrūra.
Ntimukaririre uwamaze gupfa, canke ngo mumuborogere: ariko muririre uwagiye mazimayongo, kukw atazoba akigaruka ukundi, canke ngw asubire kubona igihugu yavukiyemwo.
Ibiteye isoni vyaho vyashitse no ku myambaro yaho; ntihāri hārībajije ivy’ amaherezo yaho; Ni co catumye hacishwa bugufi bitangaje; ntihagira ūhahūmuriza. Uhoraho we, itegereze umubabaro wanje; kuk’ umwansi yishize hejuru.
Kuniha kwawe kuraba amapfiranda; ntuz’ ugandarire ūpfuye, wizingire igitambara cawe mu mutwe, wambare inkweto zawe, ntiwipfuke ku munwa, kandi nturye ibiryazagu.
Ntibazosukira Uhoraho ibiturire vya vino, kand’ ibimazi vyabo ntibizomuhimbara: ivyo kurya vyabo bizobabera nk’ibiryazagu vy’abagandaye; abazobiryako bose bazoba bahumanye; kukw ivyo kurya vyabo bizoba ivyo kubīmarira ipfa gusa, ntibizokwinjira mu ngoro y’Uhoraho.
sinatamiye kur’ ivyo vyarobanuwe ngandaye; sinabiteruye mpumanye, canke ngo ndabitange kw ibiterekerezwa imizimu; ariko numviye wewe Uhoraho Imana yanje, nitondeye ivyo wangeze vyose.