Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 16:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, ati Nturuhe winjira mu nzu y’abagandaye, ntuje kubaborogera canke kubaririra; kuko nkūye amahoro yanje kur’ ubu bgoko, bo n’imbabazi no kugirirwa neza, ni jewe Uhoraho mbivuze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 16:5
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Amashami yaho ni yuma azohānyurwa; abagore bazoza bayacane; kukw iryo hanga ar’ iritagira ubgenge; ni co gituma Iyabaremye itazobagirira akagongwe, kand’ Iyababumvye itazobagirira akantu.


Maz’ ico gihe uburake bganje buzobaziriringira, nanje ndabahebe, ndabahishe mu nyonga hanje, bamarwe n’ivyago vyinshi n’imibabaro bizobazako; bitume bavuga, bat’ Icateye ibi vyago kutuzako s’ukw Imana yacu itari muri twebge?


Haza iyindi farasi y’akagajo, ūyicayeko ahabga gukūra amahoro mw isi, ngo bicane: kand’ ahabga inkota ndende.


Kukw iyo misi itarashika ata ngero zāboneka z’ibikorwa vy’umuntu canke z’ivy’ inka zirima, kandi nta mahoro k’ūwinjira n’ūsohoka kubg’ abarwanizi; kuko nateranije abantu bose, umuntu wese nkamuteranya na mugenzi we.


Uhoraho we, ibuka imbabazi zawe no kugira neza kwawe, Kuko vyahozeho, uhereye kera hose.


Abanyazi baserutse ku mpinga zose mu ruharabuga: kukw inkota y’Uhoraho iriritse, uhereye ku mpera y’igihugu ugashitsa ku yindi: nta muntu n’umwe afise amahoro.


Nzobasekanisha nk’impfizi z’intama, umwe n’uwundi, abana na ba se, ni jewe Uhoraho mbivuze: nta kagongwe nzogira, cank’ impuhwe, cank’ imbabazi, ngo bimbuze kubageseza.


nuko rero ngw Azobirukana abakūre mur’ iki gihugu, muje mu gihugu mutigeze kumenya, mwebge canke ba sogokuruza banyu; muzohasabira izindi mana ku murango no mw ijoro; ngo Kukw atazobahangaza na gatoya.


Kand’ ubugingo bganje bgatandukanijwe n’amahoro, ukuroranirwa narakwibagiye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ