Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 16:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 ati Bazopfa rubi: ntibazoborogerwa, ntibazohambga; bazoba nk’intabire yometse ku misozi: bazoba bamazwe n’inkota n’inzara; kand’ imivyimba yabo izoba inyama z’ibisiga vyo mu kirēre n’ibikōko vyo kw isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 16:4
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ngo Kand’ imbga zizorīra Yezebeli ku musozi w’i Yezireli, ngo Kandi nta wuzomuhamba. Nukw araheza yugurura urugi, arahunga.


Abaherezi babo bicwa n’ inkota, Abapfakazi babo ntibābaririra.


Bāyogereye kuri Endori, Bācitse intabire y’imisozi.


Bazocurikirana hamwe babe ab’ ibisīga vy’amero vyo ku misozi miremire, n’ibikōko vyo mw isi: ivyo bisīga vy’amero bizobamarakw ici, n’ibikōko vyo mw isi bizobamarakw agatāsi.


Ni co catumye uburake bg’Uhoraho buziriringira abantu biwe, akababangurira ukuboko, akabakubita, imisozi ikaja mu gatengo, maz’ imivyimba yabo ikamera nk’imyanda hagati mu mayira. Yamara na ho nyene uburake bgiwe ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabanguye.


Kandi nzohindurira ubusa aha hantu inama z’i Buyuda n’iz’ i Yerusalemu; nzobahindikiranya n’inkota imbere y’abansi babo, bicwe n’amaboko y’ababahīga: kand’ imivyimba yabo nzoyigabura ibe inyama z’ibisīga vyo mu kirēre, n’iz’ ibikōko vyo kw isi.


Kandi nzokubita ababa mur’ iki gisagara, abantu n’ibitungwa: bazokwicwa n’ikīza gikomeye.


Abishwe n’Uhoraho bazohēra ku mpera y’isi bashike ku yindi, ntibazoririrwa, canke ngo begeranywe, canke ngo bahambge; bazoba nk’intabire yometse ku misozi.


Nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Ntimwanyumviye, ngo mutange umwidegemvyo, ng’ umuntu wese arekure mwene wabo, umuntu wese arekure mugenzi we: nuko rero nanje ntanze umwidegemvyo kuri mwebge, ni jewe Uhoraho mbivuze, w’inkota n’ikīza n’inzara; kandi nzotuma mutererekanywa irya n’ino mu bihugu vy’ abami bose bo mw isi.


nzobatanga mu maboko y’abansi babo, no mu maboko y’ababahiga ngo babice, kand’ imivyimba yabo izoba inyama z’ibisīga vyo mu kirēre n’iz’ ibikōko vyo kw isi.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ku vya Yehoyakimu umwami w’i Buyuda, ati Ntazokwigera agira n’umwe wo gusubira ku ngoma ya Dawidi; umuvyimba wiwe uzotererwa hanze ng’ ube mu ndugumba yo ku murango no mu gikonyozi co mw ijoro.


Kandi nzofata amasigarira y’i Buyuda, aberekeje amaso kuja mu gihugu ca Egiputa ngo babeyo, bazotikizwa bose; kandi mur’ ico gihugu ca Egiputa nyene ni yo bazogwa. Bazoririkwa n’inkota n’inzara; kandi bazopfa, uhereye ku woroshe ugashitsa k’ūhambaye, bishwe n’ inkota n’inzara; kandi bazoba igitutsi n’akajoreza n’ibivume n’ iciro ry’imigani.


Rāba mbahozakw igitsure, ngo mbazanekw ivyago atar’ ivyiza; kand’ abagabo bose b’Abayuda bari mu gihugu ca Egiputa bazoririkwa n’inkota n’inzara, gushitsa baherengeteye.


Kand’ imivyimba y’ubu bgoko izoba inyama z’ibisīga vyo mu kirēre, n’iz’ ibikōko vyo kw isi, ata wo kuvyirukana ariho.


Vuga, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Imivyimba y’abantu izokwandagara nk’amase ku gasozi, izogwa nk’isasira inyuma y’umwimbuzi, ata wo kuyegeranya.


Abicwa n’inkota ni bo bapfa rwiza kuruta abicwa n’ inzara; Kukw abo bo bagenda bashirira hejuru, bakicwa no kubura utwo bokweza mu mirima.


riti Bgira ab’ inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Ngira mpumanye ahantu hanje hēra, aho mwishimira yukw ari ho bubasha bganyu, mukahamizakw amaso, imitima yanyu ikahagirira igishika; kand’ abahungu banyu n’abakobga banyu mwasizeyo bazoririkwa n’ inkota.


Ikigira gatatu cawe kizokwicwa n’ikīza, na kigoyi kizobamarira hagati muri wewe; ikindi kigira gatatu kizoririkirwa n’inkota impande zawe zose; n’ikindi kigira gatatu nzogishwiragiriza mu birēre vyose, kandi nzosokōra inkota ibirukane.


Nzotēza ivyago abantu, bitume bagenda nk’impumyi, kuko bancumuyeko jewe Uhoraho; kand’ amaraso yabo azosēswa nk’umukungugu, n’imibiri yabo nk’ibishēshe.


Uhoraho azobatērēra ibizotuma mugenda mukōnyēra bo no kurwara inyonko n’ibivyimba birurumba, n’indugumba n’ikigatwa n’ukurumvya n’ururyi rw’agahezambuto: bizobakurikirana gushitsa muhonnye.


Imivyimba yanyu izoba inyama z’ibisīga vyose vyo mu kirere, n’iz’ ibikōko vyo kw isi, ntihazogira ūvyāmurura.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ