Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 16:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize ku vy’abahungu n’abakobga bavukira aha hantu, no ku vya ba nyina bābatwaye inda no ku vya ba se bābavyariye mur’ iki gihugu:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 16:3
6 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abapfakazi babo baragwiriye kurusha umusenyi wo ku kiyaga imbere yanje: nabagomoreye abanyazi ku murango w’amashōka, ngomoreye nyina w’abahungu; namusutseko giturumbuka umubabaro n’ ibiteye ubgoba.


riti Ntukābīre umugore, canke ng’ uvyarire abahungu n’abakobga aha hantu.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, ati Nturuhe winjira mu nzu y’abagandaye, ntuje kubaborogera canke kubaririra; kuko nkūye amahoro yanje kur’ ubu bgoko, bo n’imbabazi no kugirirwa neza, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kuk’ ukw ari ko ngize, jewe Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, nti Rāba aha hantu nzohaca ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, bo n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, mbikore mukibona mukiriho.


None rero ni mwumve ivyo mvuze jewe Uhoraho: Ehe ngira nshire ibitsitaza imbere y’ubu bgoko: abavyeyi n’abana babo bazobitsitarirakw icarimwe; ababanyi na bagenzi babo bazoranduka.


riti Bgira ab’ inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Ngira mpumanye ahantu hanje hēra, aho mwishimira yukw ari ho bubasha bganyu, mukahamizakw amaso, imitima yanyu ikahagirira igishika; kand’ abahungu banyu n’abakobga banyu mwasizeyo bazoririkwa n’ inkota.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ