2 riti Ntukābīre umugore, canke ng’ uvyarire abahungu n’abakobga aha hantu.
Nuko Loti arasohoka, abarira abakwe biwe basavye abakobga biwe, ati Vyuka, muve aha hantu, kuk’ Uhoraho agira arandure iki gisagara. Ariko ku bakwe biwe yar’ ameze nk’uwizāgira.
Ijambo ry’Uhoraho rinzak’ ukundi gusha,
Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize ku vy’abahungu n’abakobga bavukira aha hantu, no ku vya ba nyina bābatwaye inda no ku vya ba se bābavyariye mur’ iki gihugu:
mwiyabīrire abagore, muvyare abahungu n’abakobga; musabire abahungu banyu abageni, mushingire abakobga banyu, kugira ngo na bo bavyare abahungu n’abakobga; murondokereyo, ntimube inkehwa.
Wampamagariye ibinteye ubgoba irya n’ino, nk’uko wahamagara ikoraniro ku musi mukuru washinzwe, Kandi nta warokotse canke ngw asigare kur’ uwo musi w’uburake bg’Uhoraho; Abo nakuyakuya nkabarera, umwansi wanje yarabampēkūye.
Ariko mur’ iyo misi abazoba batwaye inda n’abonsa bazobona ibara.
Mur’ iyo misi abazoba batwaye inda n’abonsa bazobona ibara; kuko hazoba umubabaro mwinshi mu gihugu, kand’ uburake buzoba kur’ ubu bgoko.
kukw imisi izoza bazovuga, bati Hahirwa abāgumbashe n’inda zitigeze kuvyara n’amabere atigeze kwonsa.