Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 15:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Umugore yavyaye ndwi arahondobereye, aregutse; izuba ryiwe ryacokeye hakiri ku murango; aratēterewe, aramāramāye; amasigarira yabo nzoyagaburira inkota imbere y’ abansi babo, ni jewe Uhoraho mbivuze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 15:9
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arikw ivyo vyompi bizokugwako umusi umwe, kubura abana no gupfakara: bizogushikako uko vyakabaye, nah’ ubupfumu bgawe bgoba bginshi bute, n’ amahezayo yawe akaba isinzi.


Kandi nzohindurira ubusa aha hantu inama z’i Buyuda n’iz’ i Yerusalemu; nzobahindikiranya n’inkota imbere y’abansi babo, bicwe n’amaboko y’ababahīga: kand’ imivyimba yabo nzoyigabura ibe inyama z’ibisīga vyo mu kirēre, n’iz’ ibikōko vyo kw isi.


Kandi hanyuma y’ivyo, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzogabura Zedekiya umwami w’Abayuda, n’ abasavyi biwe, n’abantu bazoba bagisigaye mur’ iki gisagara, batishwe n’ikīza n’inkota n’inzara, mbashire mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, no mu maboko y’abansi babo, no mu maboko y’abarondera kubica: azobicisha ubugi bg’inkota; ntazobagirira impuhwe cank’ akagongwe cank’ imbabazi.


Rāba mbahozakw igitsure, ngo mbazanekw ivyago atar’ ivyiza; kand’ abagabo bose b’Abayuda bari mu gihugu ca Egiputa bazoririkwa n’inkota n’inzara, gushitsa baherengeteye.


nuko rero nyoko azogira ibitētērwa vyinshi, uwabavyaye azomāramāra: rāba, azosigara ar’ uw’ inyuma y’ayandi mahanga, abe ubugaragwa, igihugu kigadutse, n’ubgeranyange.


bati Mutonde urugamba tumurwanye; ni mukūre hasi tudūge ku murango w’amaminangohe. Bat’ Ewe turagowe, kuk’ umusi ukuze, kand’ ibitūtu vy’ubgīra bikaba bimaze ibihugu!


Mbega ni jewe baritera gusa? Si bo baryitera, ngo bibazanire ukumāramāra? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Ewe kuntu igisagara cari cuzuye abantu gisigaye cicaye ubusa! Ukuntu cahindutse nk’umupfakazi! Icar’ agakomeye mu mahanga, kikaba umwamikazi mu ntāra, Ukuntu gisigaye gishikanira abandi!


Abagore bāri bafise ikigongwe basigaye bafata abana bīvyariye, bakabateka, Bakaba ivyo kurya vyabo, igihe umukobga w’ubgoko bgacu yagesezwa.


Ikigira gatatu cawe kizokwicwa n’ikīza, na kigoyi kizobamarira hagati muri wewe; ikindi kigira gatatu kizoririkirwa n’inkota impande zawe zose; n’ikindi kigira gatatu nzogishwiragiriza mu birēre vyose, kandi nzosokōra inkota ibirukane.


Uko ni ko nzoba nimaze ishavu, n’ubushangashirwe nabagiriye nzoba ndabutuye, kandi nzoba nshizwe: nuko bazomenya yuko jewe, Uhoraho, nabivuganye agatsi, ni naheza kwimara uburake mbafitiye.


Abāhoran’ agahimbo basigaye baca ingero, Arikw abāhora bashonje ntibagicumukura. Mber’ uwahora ar’ ingumba avyaye indwi, Uwavyaye benshi arahondobereye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ