Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 15:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Abapfakazi babo baragwiriye kurusha umusenyi wo ku kiyaga imbere yanje: nabagomoreye abanyazi ku murango w’amashōka, ngomoreye nyina w’abahungu; namusutseko giturumbuka umubabaro n’ ibiteye ubgoba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 15:8
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Intōre zawe zizokwicwa n’inkota, abahizi bawe bazogwa mu ntambara.


Amarembo y’i Siyoni azorira aboroge: hazokwicara hasi hasigaye ar’ umuzigirizwa.


Uwo musi abakobga ndwi bazofata umugabo umwe, bamubgire, bati Tuzokwīrīra ivyo kurya vyacu, tuzokwiyambika impuzu zacu: kimwe gusa, uduhe kukwitirirwa izina ryawe, nawe udutēturure.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize ku vy’abahungu n’abakobga bavukira aha hantu, no ku vya ba nyina bābatwaye inda no ku vya ba se bābavyariye mur’ iki gihugu:


Kubg’ ivyo tanga abana babo ubahe inzara, ubagaburire ubugi bg’inkota; abagore babo ni babure abana babo, bateko bapfakare; abagabo babo ni bicwe n’urupfu, imisore yabo ni yicwe n’inkota yo mu ntambara.


Kandi nzogutegurira abo kugusangangura, umuntu wese muri bo afise ibirwanishwa; bazohimbagura inkingi zawe z’amasederi meza, baziterere mu muriro.


buti Mubarire amahanga, mubūrire Yerusalemu, yukw abaje gutega ibico bariko baraza, bavuye mu gihugu ca kure, bīrahira ibisagara vy’i Buyuda n’amajwi arenga.


Ni co gituma intambge yo mu kibira izobica, n’ibingira rigendagenda uko buhwibiriye rizobasahura, n’ingwe izotegera ku bisagara vyabo, maz’ ūbisokorokamwo wese atabagurwe; kuk’ ukugabitanya kwabo ari kwinshi, n’ugusubira inyuma kwabo kukaba kurenze urugero.


Ewe Yerusalemu, wa mukobga ari bo bantu banje, kenyera amagunira, wikumbagaze mu minyota: vuza induru nk’ūyivugiriza umwana wiwe w’ikinege, uborogane akabonge kenshi; kuk’ umugeseza agira adushikeko giturumbuka.


Tur’ impfuvyi ntitukigira ba data, Ba mama bameze nk’abapfakazi.


Abaganwa baho bagīriye inama y’ubugarariji hagati muri ho, nk’ukw intambge itabagura ico ihīze: batsontsomeye abantu; banyaze ubutunzi n’ivy’ igiciro; bapfakaje benshi hagati muri ho.


Uzotsitara ku murango, umuvugishwa na we atsitarane nawe mw ijoro: kandi nzokwica nyoko.


kukw ari k’uzoshika ku bantu bose bashagaje mw isi yose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ