Mbere nzotuma abantu bagendagenda kuri mwebge, ni bo bantu banje b’Abisirayeli; namwe muzoba ishamvu yabo, mubabere umwandu, kandi nta ho muzosubira kubīcira abana ukundi.
Mureke kuba nka ba sogokuruza banyu, abo navugisha kera bābabarira basemerera, bat’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Enda ni muhindukire muve mu ngeso zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi; maze ntibumva, nanje ntibanyumvira, ni k’Uhoraho agize.
Abahungu banyu n’abakobga banyu bazonyagwa bahabge irindi hanga, amaso yanyu azokwama areretse, ahere mu nzira burinde bgira, kubgo kubakumbura, ata co mushobora gukora.