Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 15:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kandi nzobagira akabarore mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, kubga Manase mwene Hezekiya, umwami w’i Buyuda, kubg’ ivyo yakoreye i Yerusalemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 15:4
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Manase yagiye ku ngoma amaze imyaka cumi n’ibiri; ayimarakw imyaka mirongwitanu n’itanu ar’ i Yerusalemu; nyina yitwa Hefusiba.


kuko bākoze ibibi imbere yanje, bakantera umwikomo bakandatsa, uhereye ku musi ba sekuruza bāviriye muri Egiputa gushitsa na bugingo n’ubu.


Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, aja mu bizira vy’ubuyobe vy’abanyamahanga, abo Uhoraho yari yarirukanye imbere y’Abisirayeli.


Manase yagiye ku ngoma amaze imyaka cumi n’ibiri; ayimarakw imyaka mirongwitanu n’itanu ar’ i Yerusalemu.


Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, aja mu bizira vy’ubuyobe vy’ abanyamahanga, abo Uhoraho yari yarirukanyei mbere y’Abisirayeli.


mbere nzobatanga batererekanywe irya n’ino mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, ngo mbagirire nabi; bazoba igitutsi n’iciro ry’imigani n’agatwengo n’ ibivume, ahantu hose aho nzobirukanira.


Nzobirukanisha inkota n’inzara n’ikīza, mbatange batererekanywe irya n’ino mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, ngo babe ibivume n’akajoreza n’ abo kuvuzwakw agahwa n’igitutsi mu mahanga yose aho nabirukaniye;


Nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Ntimwanyumviye, ngo mutange umwidegemvyo, ng’ umuntu wese arekure mwene wabo, umuntu wese arekure mugenzi we: nuko rero nanje ntanze umwidegemvyo kuri mwebge, ni jewe Uhoraho mbivuze, w’inkota n’ikīza n’inzara; kandi nzotuma mutererekanywa irya n’ino mu bihugu vy’ abami bose bo mw isi.


Kandi nzobasābagiriza mu mahanga batigeze kumenya canke ba sekuruza babo: kandi nzorungika inkota ndayibakurikize gushitsa mbamaze.


Yerusalemu hakoze ivyaha birengereje; ni co catumye hahinduka nk’ikintu giteye iseseme: Abāhora bahubaha bose basigaye bahakēngēra, kuko babonye ubgambure bgaho: N’ukuri haraniha, hakarora irya.


Yamara muravuga ng’ Umwana n’iki kimubujije kuzira ibigabitanyo vya se? Ereg’ umwana ni yakora ibitunganye n’ibikwiye, akitondera ivyagezwe vyanje vyose, akabishitsa, ntazobura kubaho.


Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobavyukiriza igitero, mbatange bateragiranwe hirya no hino kandi basahurwe.


Namwe nzobashwiragiriza mu mahanga, nsokōre inkota, mbirukane; igihugu canyu kizosigara gitamāriwe, n’ibisagara vyanyu bicike imisaka.


Uhoraho azotuma muneshwa n’abansi banyu: muzojana inzira imwe mubateye, mu kubahunga muce mu nzira ndwi; muzoba akūmiza mu bihugu vyose vyo mw isi.


Kand’ Uhoraho azobashwiragiriza mu mahanga yose, uhereye ku mpera y’isi ugashitsa ku yindi; kandi muzosabiray’ izindi mana z’ibiti n’iz’amabuye, mutigeze kumenya, ari mwebge canke ba sogokuruza banyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ