Ukw abe ari k’ uzobabgira, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ndahiye ukubaho kwanje, abasigaye mur’ ayo matongo ntibazobura guhindikiranywa n’inkota, n’ūri ku misozi nzomugabura mu bikōko bimurotse, kand’ abari mu bihome no mu masenga bazokwicwa n’ikīza.
nanje uko nzobagira n’uku: nzobagomorera ibibaca ivutu; kugenda mukōnyēra bo no kurwara inyonko bizotuma muhwera mu kajisho, imitima yanyu ihondobēre: muzorimira ubusa, kukw abansi banyu ari bo bazobirya.
Kandi nzobatērēra inkota, ibahōre kuva mw isezerano ryanje; na ho ni mwirundaniriza mu bisagara vyanyu, nzobatērēra ikīza; kandi muzotangwa mu maboko y’abansi.