Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 15:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kandi ndabagereye ivyago bine, ni k’ Uhoraho agize: inkota yo kwica, n’imbga zo gutabagura, n’ibisīga vyo mu kirēre n’ibikōko vyo kw isi vyo gutsontsomera no gutikiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 15:3
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kugira ng’ ushire ikirenge cawe mu maraso, Kandi ngw indimi z’imbga zawe zihabge imitigiri y’ abansi bawe.


Bazocurikirana hamwe babe ab’ ibisīga vy’amero vyo ku misozi miremire, n’ibikōko vyo mw isi: ivyo bisīga vy’amero bizobamarakw ici, n’ibikōko vyo mw isi bizobamarakw agatāsi.


Mbeg’ ishamvu yanje ntiyampindukiye nk’ igisīga c’amabara y’uruyoberane? Mbeg’ ibindi bisīga ntivyagikonganije impande zose? Ni mugende mukoranye ibikōko vyo mw ishamba vyose, mubizane bikākagure.


Iyo bisonzesha sinzoruha numva ugutakamba kwabo; iyo bosa ikimazi, bazanye n’ishikanwa ry’ifu, sinzobākīrira: ariko nzobaranduza inkota n’inzara n’ikīza.


Kandi n’abo bantu baragurira bazoshiburirwa hanze mu nzira z’i Yerusalemu bishwe n’inzara n’inkota; kandi ntibazogira uwo kubahamba, bo ubgabo, cank’ abagore babo, cank’ abahungu babo, cank’ abakobga babo: kuko nzobasubizakw ibibi vyabo.


ati Bazopfa rubi: ntibazoborogerwa, ntibazohambga; bazoba nk’intabire yometse ku misozi: bazoba bamazwe n’inkota n’inzara; kand’ imivyimba yabo izoba inyama z’ibisiga vyo mu kirēre n’ibikōko vyo kw isi.


Kand’ imivyimba y’ubu bgoko izoba inyama z’ibisīga vyo mu kirēre, n’iz’ ibikōko vyo kw isi, ata wo kuvyirukana ariho.


Yakikamitse inzira zanje, kandi yarantabaguye; yangize inkōkōre.


Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Mbega ntibizorushiriza kuba birtyo kuri Yerusalemu, igihe nzoharekurira ivyo bihano bihambaye ukw ari bine, ni vyo nkota n’inzara n’ibikōko vy’inkazi n’ ikīza, kugira ngo ndaharandure abantu n’ibitungano?


Ukw abe ari k’ uzobabgira, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ndahiye ukubaho kwanje, abasigaye mur’ ayo matongo ntibazobura guhindikiranywa n’inkota, n’ūri ku misozi nzomugabura mu bikōko bimurotse, kand’ abari mu bihome no mu masenga bazokwicwa n’ikīza.


nanje uko nzobagira n’uku: nzobagomorera ibibaca ivutu; kugenda mukōnyēra bo no kurwara inyonko bizotuma muhwera mu kajisho, imitima yanyu ihondobēre: muzorimira ubusa, kukw abansi banyu ari bo bazobirya.


Kandi nzobatērēra ibikōko vyo mw ishamba, bitware abana banyu, biyigize amasho yanyu n’imikuku yanyu, bibatūvye, inzira zanyu zisibe.


Kandi nzobatērēra inkota, ibahōre kuva mw isezerano ryanje; na ho ni mwirundaniriza mu bisagara vyanyu, nzobatērēra ikīza; kandi muzotangwa mu maboko y’abansi.


Erega ni nk’ah’ umuntu yohunga intambge agahūra n’idubu, canke yokwinjira mu nzu agashinga ukuboko ku rusika, inzoka ikamukomora.


Imivyimba yanyu izoba inyama z’ibisīga vyose vyo mu kirere, n’iz’ ibikōko vyo kw isi, ntihazogira ūvyāmurura.


Bazogenda bamarwa umunywera n’inzara, bahondoberezwe n’umururumbo, N’ikiza gikaze; Nzobatērēra ibikōko, bibate mu menyo yavyo, Ndabatērēre n’ivyikwega mu mukungugu vy’ubumara.


Mbona ifarasi ibenjutse; kand’ ūyicayeko yitwa Rupfu, Kuzimu na we aramukurikira; bahabga ububasha ku kigira kane c’isi, ngo babicishe inkota n’inzara n’urupfu n’ibikōko vyo kw isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ