Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 15:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Maze ni bakubaza, bati Tuje hehe? ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Abagerewe gupfa, baje mu rupfu; abagerewe inkota baje ku nkota; abagerewe kigoyi baje muri kigoyi; abagerewe gufatwa mpiri bafatwe mpiri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 15:2
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nta gisigaye atar’ ugucishwa bugufi mu mbohe, canke guhindikiranywa mu bishwe. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.


Nuk’ ūhunga induru y’ibiteye ubgoba azogwa mu rusumanyenzi; uwūrira ngw ave mu rusumanyenzi umutego uzomufata: kukw ingomero zo mw ijuru zigomorowe, kand’ amatanguriro y’isi akanyiganyiga.


Iyo bisonzesha sinzoruha numva ugutakamba kwabo; iyo bosa ikimazi, bazanye n’ishikanwa ry’ifu, sinzobākīrira: ariko nzobaranduza inkota n’inzara n’ikīza.


Kandi n’abo bantu baragurira bazoshiburirwa hanze mu nzira z’i Yerusalemu bishwe n’inzara n’inkota; kandi ntibazogira uwo kubahamba, bo ubgabo, cank’ abagore babo, cank’ abahungu babo, cank’ abakobga babo: kuko nzobasubizakw ibibi vyabo.


ati Bazopfa rubi: ntibazoborogerwa, ntibazohambga; bazoba nk’intabire yometse ku misozi: bazoba bamazwe n’inkota n’inzara; kand’ imivyimba yabo izoba inyama z’ibisiga vyo mu kirēre n’ibikōko vyo kw isi.


Kandi nzohindurira ubusa aha hantu inama z’i Buyuda n’iz’ i Yerusalemu; nzobahindikiranya n’inkota imbere y’abansi babo, bicwe n’amaboko y’ababahīga: kand’ imivyimba yabo nzoyigabura ibe inyama z’ibisīga vyo mu kirēre, n’iz’ ibikōko vyo kw isi.


Kand’ azoza atere igihugu ca Egiputa; abagerewe kwicwa bazoja kwicwa, abagerewe umugozi bazoja mu mugozi, abagerewe inkota bazoja ku nkota.


Uvuge uti Mbabereye akarorero: uko nagenjeje ni ko bazogirirwa; bazokwambukanwa bajanwe ar’ inyagano.


Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Mbega ntibizorushiriza kuba birtyo kuri Yerusalemu, igihe nzoharekurira ivyo bihano bihambaye ukw ari bine, ni vyo nkota n’inzara n’ibikōko vy’inkazi n’ ikīza, kugira ngo ndaharandure abantu n’ibitungano?


Ukw abe ari k’ uzobabgira, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ndahiye ukubaho kwanje, abasigaye mur’ ayo matongo ntibazobura guhindikiranywa n’inkota, n’ūri ku misozi nzomugabura mu bikōko bimurotse, kand’ abari mu bihome no mu masenga bazokwicwa n’ikīza.


Ikigira gatatu cawe kizokwicwa n’ikīza, na kigoyi kizobamarira hagati muri wewe; ikindi kigira gatatu kizoririkirwa n’inkota impande zawe zose; n’ikindi kigira gatatu nzogishwiragiriza mu birēre vyose, kandi nzosokōra inkota ibirukane.


Ikigira gatatu cayo uz’ ugituririre hagati mu gisagara, igihe imisi yo gutabga hagati kwaho izoba ihereye; ikindi kigira gatatu cayo ugicagagurize inkota hirya no hino yaho; kand’ ikindi kigira gatatu cayo ukirekurire mu muyaga ng’ugishwiragize, nanje nzosokora inkota icirukane.


Maz’ ishitsa amajambo yayo yatuvuzeko twe n’abacamanza bacu bātuganza, aho yaduteza ivyago vy’ ubugesera; kuko musi y’ijuru hose ata higeze kugirirwa nk’uko Yerusalemu hāgiriwe.


Erega ni nk’ah’ umuntu yohunga intambge agahūra n’idubu, canke yokwinjira mu nzu agashinga ukuboko ku rusika, inzoka ikamukomora.


Maze ndavuga, nti Namwe sinkibaragira; ūpfa n’apfe, ūranduka n’arunduke, amasigarira n’aryane.


Namb’ umuntu yagerewe gufatwa mpiri azofatwa mpiri; namb’ umuntu yicisha inkota akwiye kuzokwicishwa inkota. Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira bo n’ukwizera kwabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ