1 Maz’ Uhoraho arambarira, ati Naho Mose na Samweli bohagarara imbere yanje, umutima wanje ntiwohangaza ubu bgoko: bahinde, bave mu nyonga zanje, bagende.
Aburahamu ahenga mu gatondo arazinduka, aja ha handi aho yar’ ahagaze imbere y’Uhoraho:
Nuk’ Uhoraho aheba uruvyaro rwose rwa Isirayeli, abatēza ivyago, abagabura mu maboko y’ababanyaga, kugeza aho yabakomboye bakava imbere yiwe.
Bituma ivuga kw izobahonnya, Kand’ iba yarabahoneje, iyaba Mose uwatoranijwe na yo atāhagaze imbere yayo mu gihengeri, Kugira ngw asubize inyuma uburake bgayo, yoye kubahonnya.
Mose na Aroni bo mu baherezi biwe, Na Samweli wo mu bambaza izina ryiwe, Bārambaza Uhoraho, akabishura.
Umwami atonesha umusavyi w’ubgenge, Arik’ uburake bgiwe buba ku muntu akora ibiterasoni.
Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Eh’ ababa mu gihugu iki gihe nzobashiburira kure, nzobababaza kugira ngo bibonereko.
None rero ntusengere ubu bgoko, ntubītwarire canke ng’ ubasabire; kuko ntazobumva igihe bazontakambira babonye ivyago vyabo.
Maz’ Uhoraho arambarira, ati Nta co usabira ubu bgoko kugirirwa neza.
Iyo bisonzesha sinzoruha numva ugutakamba kwabo; iyo bosa ikimazi, bazanye n’ishikanwa ry’ifu, sinzobākīrira: ariko nzobaranduza inkota n’inzara n’ikīza.
None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni wahindukira nzokugarukana, ubone guhagarara imbere yanje; kandi ni warobanura ivy’ ingirakimazi ukabikūra mu vy’imburakimazi, uzoba nk’akanwa kanje: abandi baze baguhindukirire, ariko weho ntuz’ ubahindukirire.
nuko rero ngw Azobirukana abakūre mur’ iki gihugu, muje mu gihugu mutigeze kumenya, mwebge canke ba sogokuruza banyu; muzohasabira izindi mana ku murango no mw ijoro; ngo Kukw atazobahangaza na gatoya.
Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, ati Nturuhe winjira mu nzu y’abagandaye, ntuje kubaborogera canke kubaririra; kuko nkūye amahoro yanje kur’ ubu bgoko, bo n’imbabazi no kugirirwa neza, ni jewe Uhoraho mbivuze.
Mbeg’ iciza cokwishurwa ikibi? Ko banyimbiye icobo! Ibuka ingene nahagaze imbere yawe kugira ngo mbavugire neza, kugira ng’ uburake bgawe bubaveko!
Mbeg’ uyu Koniya n’urwavya rukēngērwa rusāvye? N’urwavya rudahimbaye? N’iki catumye bashiburwa, bashiburirwa mu gihugu batazi?
nuko rero nzobībagira rwose, nzobashiburana n’igisagara nabahānye na ba sogokuruza, ngo mumve imbere;
nuko rero, uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Yonadabu mwene Rekabu ntazokwigera abura uwo kuzokwama ahagarara imbere yanje gushitsa ibihe vyose.
Kukw ivyabaye i Yerusalemu n’i Buyuda vyavuye ku burake bg’Uhoraho, gushitsa ah’ amaramarije kubirukana imbere yiwe. Hanyuma Zedekiya agarariza umwami w’i Babuloni.
Kukw ijwi ry’amaborogo yumvikana i Siyoni, rit’ Ewe kuntu tugeseye! Turatēterewe cane, kuko twirukanywe mu gihugu cacu, kandi bāsanganguye amazu yacu.
naho coba kirimwo Nowa na Daniyeli na Yobu, abo ukw ari batatu, ukugororoka kwabo kwokiza ayabo magara gusa, ni k’ Umwami Uhoraho agize.
Kandi narondeye umuntu muri bo yosana uruzitiro, agahagarara imbere yanje mu kirengero ahagarariye igihugu, ngo noye kugihonnya; ariko nta n’umwe nabonye.
Ibigabitanyo vyabo vyose vyagaragariye i Gilugali; ni ho nabazinukiwe; kubg’ ibigabitanyo vy’ivyo bakoze nzobirukana mu nzu yanje; sinzoba nkibakunda ukundi: abaganwa babo bose n’ abagarariji.
Kandi Yosuwa yari yambaye impuzu z’ubuhoma, ahagaze imbere y’ uwo mumarayika.
Nsaba Uhoraho, nti Mwami Uhoraho, nturandure abantu bawe, ari bo cibare cawe, abo warokoje ububasha bgawe, ukabakūza muri Egiputa ukuboko kw’inkomezi kandi kuramvuye.
Kuko Kristo atinjiye ahēra cane hākozwe n’intoke, h’ikigereranyo c’ah’ ukuri, ariko yinjiye mw ijuru ubgaho, kugira ngo non’ aduserukire imbere y’inyonga z’Imana.
Umutima wanje wose uri ku barōngōra Abisirayeli, Ku bāhevye amagara yabo mu bantu: Ni muhimbaze Uhoraho!
Nukw abantu bose babarira Samweli, bati Dusengere k’Uhoraho Imana yawe, twebge abasavyi bawe, twoye gupfa, kuko twageretse ku vyaha vyacu vyose iki caha co kwisabira umwami.
Kandi nanje, ntibikanzeko ko noreka kubasengera, ngacumura k’Uhoraho, ariko nzokwama mbarangira inzira nziza itunganye.
Nuko Samweli yābīra umwagazi w’intama uconka, awushikanira Uhoraho kw ikimazi co kwoswa kidasonōye; maze Samweli atakambira Uhoraho kubg’ Abisirayeli; Uhoraho aramwumvira.