Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 14:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 N’iki cotuma uba nk’ umuntu atamāriwe, nk’umuhizi ayobewe gukiza? Yamara wewe Uhoraho, uri hagati muri twebge, kandi twitiriwe izina ryawe: ntuduhebe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 14:9
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

maz’ abantu banje bītirirwa izina ryanje ni bicisha bugufi bagasenga barondera mu nyonga hanje, bagahindukira bakareka ingeso zabo mbi, nuko nanje nzokwumva ndi mw ijuru, mparire ivyaha vyabo, nkize n’ igihugu cabo.


N’iki gitumye uhagarara kure, Uhoraho we? N’iki gitumye wihisha mu bihe vy’amarushwa?


Ntumpishe mu nyonga hawe, Ntiwirukanishe umusavyi wawe uburake. Ni wewe wahoze ur’ umutabazi wanje, Ntunte, ntumpebe, Mana y’ agakiza kanje.


Imana iri hagati muri wo, ntuzonyiganyizwa; Imana izowutabara mu mutwenzi w’amacāca.


Semerera, uvuge cane, yewe uba i Siyoni, kuk’ Uwera w’Abisirayeli, ari hagati muri mwebge, ahambaye.


n’umuntu wese yitirirwa izina ryanje, uwo naremeye icubahiro canje: naramubumvye, mbere naramuremye.


Ikangure, ikangure, wambare inkomezi, ewe wa kuboko kw’ Uhoraho; ikangure nko mu misi ya kera, nko ku runganwe rw’ibihe vyashize, uko rwagenda rukurikirana. Mbega si wewe wahimbaguye Rahabu, ugasogota ca gisato c’amahēro?


Ehe, ukuboko kw’Uhoraho ntikubaye kugufi ngo kunanirwe gukiza, n’ugutwi kwiwe ntikwapfuye ngo kunanirwe kwumva:


Twahindutse nk’abatigeze kuganzwa nawe, nk’abatigeze kwitirirwa izina ryawe.


Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya; kand’ amajambo yawe yambereye akanyamuneza n’ibihimbaro vy’umutima wanje: kuko nitiriwe izina ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ ingabo.


Kukw Abisirayeli atar’ intābga, cank’ Abayuda, ku Mana yabo, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo, nah’ igihugu cabo cuzuye ivyo bācumuye k’Uwera w’Abisirayeli.


Umve, ijwi ry’ugutakamba kw’umukobga, ari we bgoko bgacu, rituruka hirya no hino mu gihugu, riti Mbeg’ Uhoraho ntakiba i Siyoni? Mbeg’ Umwami waho si ho akiri? Mbega na bo n’iki catumye bandakisha ibishushanyo vyabo bibājwe, n’ ivy’ imburakimazi vy’ivyaduka?


N’iki catumye utwibagira ibihe vyose, Kand’ ukaduheba kumara igihe kirekire kingana girtyo?


Kuhakikuza n’amatambge ibihumbi cumi n’umunani y’ukuboko uciriye mu nkokora: kand’ uhereye uwo musi izina ry’ico gisagara rizokwitwa ng’ Uhoraho ni ho aba.


Uhoraho we, nzogeza ryari kugutakambira, ntunyumve? Kandi nkuborogera kubg’ umuryano uriho, nawe ntuwunkize?


Kukw ari jewe nzohabera uruzitiro rw’umuriro ruhakikije, ni k’Uhoraho agize, kandi nzohabera ubgiza ndi hagati mu mugoma.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ngarutse i Siyoni, ngerēre hagati y’i Yerusalemu; kandi Yerusalemu hazokwitwa Umurwa w’Umwizigirwa; kand’ umusozi w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzokwitwa Umusozi wera.


Uhoraho yishura Mose, ati Mbeg’ ukuboko kwanje Uhoraho kwabaye kugufi? None hinge urābe yukw ijambo ryanje nkubgiye rishika canke ko ridashika.


Kugira ngw amasigarira y’abantu baronderane Uhoraho N’amahanga yose yitirirwa izina ryanje,


Kand’ urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana? Kuko twebge tur’ urusengero rw’Imana nzima: nk’ukw Imana yavuze, iti Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo, Mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.


kuk’ Uhoraho Imana yanyu agendagenda hagati y’aho mushagaje, kugira ngw abakize, agabure abansi banyu mu maboko yanyu; ni co gituma aho mushagaje hakwiye kuba ahantu hera, kugira ngo ntaz’ ababonemw’ ikintu na kimwe giteye ishishi, akarora irya, akabata.


Kand’ amahanga yose yo kw isi azobona yuko mwitiriwe izina ry’Uhoraho, abatinye.


Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe; kuk’ ubgayo yavuze, iti Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.


Numva ijwi rirenga, rivuye kuri ya ntebe, rit’ Eh’ ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’ izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’ Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo.


Uhoraho ntazoheba abantu biwe, kubg’ izina ryiwe rikuru, kuko vyahimbaye Uhoraho kubagira abantu biwe yiharije.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ