Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 14:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Abashingantahe babo barungika abana kuvoma, bashika ku mariba, basanga ata mazi; bagaruka imibindi yabo iri gusa: baramāramāra baratētērwa, bitwikira mu mutwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 14:3
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi atangura kudūga umusozi Elayono, adūga ararira ingenda, yitwikiriye mu mutwe, atambaye inkweto; kand’ abantu bose bari kumwe na we bitwikira mu mitwe, badūga bararira ingenda.


Kand’ umwami yari yitwikiriye mu maso, avuza induru, ati Yō! Mwananje Abusalomu! Ewe Abusalomu, mwana wanje, mwana wanje we!


Igihe kiragera uwo mugezi urakama, kukw ata mvura yagwa mur’ ico gihugu.


Ntimwumvire Hezekiya: kuk’ ukw ari k’umwami w’i Ashuri agize, ngo Kunda mwuzure na we, musokoroke muje iy’ ari, umuntu wese ngw abone kurya ku muzabibu wiwe no ku musukoni wiwe, no kunywa ku mazi yo mw ivomo ryiwe,


Hanyuma Moridekayi asubira ku kirimba i bgami; ariko Hamani arihuta asubira i we, ababaye kandi yitwikiriye.


Bamāramāzwa n’uko bāri bavyizigiye, Bashitseyo baratētērwa.


Abansi banje ni bambikwe agatēterezo, Bambare isoni zabo nk’umutamana.


Abashaka kunyica ngo banzimirize Bicwe n’isoni batētērwe: Abanezerezwa n’uko ngiriwe nabi Basubizwe inyuma bakēngērwe.


Kubg’ isi yāse imigāga, kukw ata mvura igikoroka mu gihugu, abarimyi baramāramāra, bitwikira mu mutwe.


N’iki gituma uburibge bganje bgamaho, n’igisebe canje kikaba ikitavūrika, kikanka gukira? Mbega wombera nk’uruzi ruhendana, nk’amazi akamye?


kukw abantu banje bakoze ibibi bibiri: bataye jewe, isōko y’amazi y’ubugingo, bakīyimbira ivyobo vyo kubīka amazi, ivyobo vyatobotsemw’ imishwena, bidashobora kugumamw’ amazi.


Na ho nyene uzovayo witwaye impungenge; jewe Uhoraho ko nagaye abo wishimiye, nta co bazokumarira.


Ariko noneh’ Uhoraho ari kumwe nanje nk’umunyenkomezi n’uw’ igitinyiro; ni co kizotuma abampama batsitara, ntibaneshe: bazorimarima rwose kuko batākoze ivy’ ubgenge, bagire ibitētērwa bitazobavako, bitazoruha vyibagirana.


Ni co gitumye imvura ibuzwa, ntigwe no mu gihe cobaye urushana; yamara na ho nyene wāraritse uruhanga nka maraya, ntiwaruha ugira n’udusoni.


Ururimi rw’umwana yonka rufatanye n’uruhekenyero, ruguye ubukagashi: Abana bato basaba utwo kurya, ariko nta wubaha.


kugira ngo sinze ndamusige amēnya, akamera nk’umusi yavutseko, nkamuhindura nk’ubugaragwa, nkamusiga ngaho ameze nk’ ubgeranyange, nkamwicisha inyota.


Mbere n’ibikōko vyo mw ishamba bihuzagirika ari wewe bitumbereye: kukw imigezi yakamye, kand’ umuriro waturiye ubgatsi bgo mu bgeranyange.


Ikindi nabimye imvura, mukiyigomba amezi atatu ngo mubone kwimbura; narekuriye imvura mu gisagara kimwe, mu kindi ndayibuza: hamwe ikahagwa, ahandi ntihagwe, hakūma.


Nukw abo mu bisagara bibiri canke bitatu bakanyavūtira mu gisagara kimwe kunywa amazi, ntibashire inyota: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’ Uhoraho agize.


Arik’ umuntu wese wo mu miryango yose yo kw isi atazodūga ngw aje i Yerusalemu gusenga Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo, i wabo ntihazokoroka imvura;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ