Ntimwumvire Hezekiya: kuk’ ukw ari k’umwami w’i Ashuri agize, ngo Kunda mwuzure na we, musokoroke muje iy’ ari, umuntu wese ngw abone kurya ku muzabibu wiwe no ku musukoni wiwe, no kunywa ku mazi yo mw ivomo ryiwe,
Nukw abo mu bisagara bibiri canke bitatu bakanyavūtira mu gisagara kimwe kunywa amazi, ntibashire inyota: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’ Uhoraho agize.