Umutima wanje uririra Mowabu; impunzi zaho zahungiye i Sowari n’i Egilati‐shelishiya; ahadūga haja i Luhiti ni ho badūga barira ingenda; no mu nzira ija i Horonayimu ni ho batakira ugutaka kw’ubgihebe.
Amarembo yaho anyikiye mu kuzimu; ibihindizo vyaho yaravyononye, arabivunagura: Umwami waho n’abaganwa baho bari mu mahanga; nta vyagezwe bikiriho: Mber’ abavugishwa n’Uhoraho ntibakigira ivyo beretswe na we.
Ni co gituma igihugu kirira, abakibamwo bagahondobera, bo n’ibikōko vyo mw ishamba n’ibisīga vyo mu kirēre; mbere n’amafi yo mu kiyaga na yo agakamangana.
Mushinge igihe co kwisonzesha, mutāngāze hose habe ikoraniro ry’agahebuza; mwa bashingantahe, ni mukoranye ababa mu gihugu bose, baze mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu, mutakambire Uhoraho.