7 Nuko ndagenda nja kuri Efurate, ndaseregeta nkūra wa mukanda ahantu nari narawunyegeje: nsanga wa mukanda warononekaye, ata co ukimaze.
Kuko twese twahindutse nk’ibihumane, kand’ ukugororoka kwacu kwose kumeze nk’impuzu yanduye; twese dukabiranye nk’ikibabi, kand’ ibigabitanyo vyacu bidukubeba nk’ umuyaga.
Aba bantu b’abanyakibi, uko bākanse kwumva amajambo yanje, bakagendera mu budadarare bg’imitima yabo, bagakurikira izindi mana ngw abe ari zo basaba, bazisenge, bazomera nk’uyu mukanda utakigira ico umaze.
Hanyuma hahise imisi myinshi, Uhoraho arambarira, ati Va hasi, uje kuri Efurate, ukūreyo wa mukanda, umwe nakubarira kunyegezayo.
Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako,
Bārazimiye iyo bava bakagera, bose bācitse imburakimazi, Nta wukora ivyiza, eka nta n’umwe.
atākugirira ikimazi kera, ariko noneh’ atugirira ikimazi twempi.