6 Hanyuma hahise imisi myinshi, Uhoraho arambarira, ati Va hasi, uje kuri Efurate, ukūreyo wa mukanda, umwe nakubarira kunyegezayo.
Nuko ndagenda, ndawuhisha i ruhande ya Efurate, nk’uk’ Uhoraho yangeze.
Nuko ndagenda nja kuri Efurate, ndaseregeta nkūra wa mukanda ahantu nari narawunyegeje: nsanga wa mukanda warononekaye, ata co ukimaze.
Maze ngize ntya mbona mw itāzānure ry’ijuru ryo hejuru y’imitwe ya ba bakerubi, haboneka igisa n’ibuye ryitwa safiro, kimeze nk’igisa n’intebe y’ubgami.
n’umusi w’umwiza n’umuzimagiza, n’umusi w’ibicu n’ibipfungu; nk’uk’ umutwenzi utambikira ku misozi, ni kw ihanga rihambaye kandi rikomeye ritumbutse. Ntihigeze kuboneka irimeze nka ryo, kandi no hanyuma nta rizobaho nk’iryo, uhereye none, ukageza kw iherezo ry’ibihe.
Abantu bababurwa n’indugumba nyinshi, barogota kw izina ry’Imana igaba ivyo vyago, ntibihana ngo bayihimbaze.