5 Nuko ndagenda, ndawuhisha i ruhande ya Efurate, nk’uk’ Uhoraho yangeze.
Nuko Mose abigenza artyo: uk’ Uhoraho yamubariye kwose, ni ko yabikoze.
Hanyuma hahise imisi myinshi, Uhoraho arambarira, ati Va hasi, uje kuri Efurate, ukūreyo wa mukanda, umwe nakubarira kunyegezayo.
Nuko nca mvuga nk’uko mbariwe: maze nkiriko ndavuga, haba umuturagaro, mbona isi itigita, amagufa arafatana, igufa na rigenzi ryaryo.
Ufatanye nanje kwihanganira imibabaro, nk’uko bikwiye umusoda mwiza wa Kristo Yesu.
Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana imuhamagaye, akaja ahantu yar’ abīkiwe kuragwa: nukw agenda, atazi iy’ aja.