2 Nuko ngura umukanda nk’ukw ijambo ry’ Uhoraho ryambariye, ndawukenyeza.
Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, Kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe:
ico gihe ni ho Uhoraho yavugiye muri Yesaya mwene Amosi, aramubgira, ati Genda ukenyurure igunira ukenyeye mu nda, ukūre n’inkweto mu birenge vyawe. Abigenza artyo, agenda yambaye ubusa, atagira n’inkweto.
Ijambo ry’ Uhoraho rinzako ubugira kabiri,
Ariko weho, mwana w’umuntu, ni wumve ico nkubgira; ntube umugarariji nk’ iyo nzu y’abagarariji: asamika akanwa kawe, maz’ ico nguha ukirye.
Yohana uyo, imyambaro yiwe yar’ iy’ ubgoya bg’ingamiya, yayikenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero; indya ziwe zar’ inzige n’ubūki bgo mw ishamba.
Mur’ abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera.