Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 13:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Muheshe Uhoraho Imana yanyu icubahiro, atarazana umwiza, ibirenge vyanyu bitaratsitarira ku misozi icuze umwiza; namwe muciteze umuco akawuhindura igitūtu c’urupfu, akawugira umwiza w’umuzitanya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 13:16
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni co gituma ibiroranye biri kure yacu, kandi n’ukugororoka ntikudushikīra; twitega umuco tukabona umwiza; twitega ahakemutse tukagenda mu muzitanya.


bazokwitegereza no kw isi, basange har’ ivyago n’umwiza n’umubabaro ubīriraniyeko: maze bazohindirwa mu mwiza w’umuzitanya.


Kuko rāba, umwiza uzotwikira isi, umwiza w’umuzitanya uzotwikira amahanga: arik’ Uhoraho azokurasira, kand’ ubgiza bgiwe buzokubonekako.


Kur’ uwo musi bazobabomboranira hejuru nk’ukw ikiyaga kibomborana: kand’ uwokwitegereza ico gihugu yobona har’ umwiza n’ivyago, kand’ umuco uzimanganijwe n’ibicu bihubikije.


Inzira y’abanyavyaha imeze nk’umwiza, Ntibazi ico batsitarako ic’ ari co.


Maze Yosuwa abarira Akani, ati Mwana wanje, enda ni wubahe Uhoraho Imana y’Abisirayeli, uyishire hejuru; mbarira ico wakoze, ntumpishe.


Ni co gitumye inzira yabo izobabera nk’ahanyerera mu mwiza: bazokwirukanwa bahagwe, kuko nzobazanakw ivyago, ni wo mwaka wo kūzirwa kwabo, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Nararāvye, mbona isi, nsanga ar’ imisaka irik’ ubusa gusa; n’ijuru n’uko, ata n’umuco rigira.


Nawe ng’utuvunagurire ahantu h’imbgebge, Ukadutwikiriza igitūtu c’urupfu.


Ni co gituma mukwiye kwicurishiriza ibishushanyo vy’ivyo bihute vyanyu, n’ibishushanyo vy’izo mbeba zabateye, zikonona igihugu; muteko mwubahe Imana y’Abisirayeli: kumbure yotenzura ukuboko kwayo, ikagukūra kuri mwebge no ku mana zanyu no ku gihugu canyu.


Uhoraho abarira Mose, ati Tunga ukuboko kwawe mw ijuru, umwiza ucure mu gihugu ca Egiputa, umwiza umeze nk’ikintu cokabakabga.


N’ibuye ritsitaza n’urutare rugwisha; kuko batsitara kw ijambo ry’Imana, bataryumvira: kandi ni co bāshiriweho.


Yesu arababgira, ati Hasigaye igihe gito umuco ukiri muri mwebge: ni mugende mugifise umuco, umwiza woye kubīriranirako. Ūgenda mu mwiza ntamenya iy’ aja.


Amaso yacu yakobowe no kurereka ugutabarwa kwacu, kand’ ata co bitumariye: Mu kurereka kwacu twiteze ihanga ridashobora gukiza.


Mbega waciye Yuda ruhebga? Umutima wawe wanse Siyoni urunuka? N’iki gitumye udukubita, tukabura ikituvūra? Twari twiteze amahoro, ariko nta vyiza twabonye; twari twiteze igihe co kuvūrirwamwo, ariko tubona ibitugwisha igihūmura!


Twiteze amahoro, ariko nta vyiza vyaje; twiteze igihe co kuvūrwa, ariko habah’ ibiteye ubgoba.


Mbere nah’ umuntu yoramba imyaka myinshi ate, ayinezererwe yose; ariko yibuke imisi y’umwiza, kukw izoba myinshi. Ibizoza vyose n’ubusa.


Umwiza n’igitūtu c’urupfu biwugire uwavyo, Igicu kiwubarareko: Ivyīrīsha ubgīrakabiri vyose biwutere ubgoba.


Abandi bicara mu mwiza no mu gitūtu c’urupfu, Baboheshejwe umubabaro n’ ivyuma;


Abakūra mu mwiza no mu gitūtu c’urupfu, Aca iminyororo yabo.


Ko batārushe bībaza, bat’ Uhoraho ari hehe, yadukūye mu gihugu ca Egiputa, akaturōngōra mu bugaragwa, no mu gihugu c’ubgeranyange kirimw’ ivyobo, mu gihugu kigadutse c’igitūtu c’urupfu, mu gihugu kidacamw’ abantu, ata muntu n’umwe ahaba?


None rero ni mwumve ivyo mvuze jewe Uhoraho: Ehe ngira nshire ibitsitaza imbere y’ubu bgoko: abavyeyi n’abana babo bazobitsitarirakw icarimwe; ababanyi na bagenzi babo bazoranduka.


Abantu banje bābaye intama zizimiye; abungere babo bārabajimije, bābahubirije ku misozi: bāva ku musozi baja ku wundi, bibagiye uburuhukiro bgabo.


Kand’ iyo nkota iteye ubgoba nayibanguye ku marembo yabo yose, kugira ngw imitima yabo iyagire mu nda, n’ ugutsitara kwabo kwongerekane. Yō! Imeze nk’umuravyo, yasongorewe kuririka.


Nk’ uk’ umwungere abariritsa umukuku wiwe mu gihe ari mu ntama ziwe zāsābagiriye kure, ni ko nanje nzobariritsa intama zanje; nzozikiza ndazikūre ahantu hose zāsābagiriye ku musi wo gufurangana w’ubgirakabiri.


Kandi sinzokundira agashinyaguro k’abanyamahanga ko wongera kwumva kakugarutseko, cank’ ibitutsi vy’amoko ko bisubira kukuzako, kand’ ihanga rikubamwo ntuzosubira kuritsitaza ukundi, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Rāba, Umwe yabumvye imisozi, akarema n’umuyaga, akamenyesha umuntu ivyo yiyumvira, agahindura umutwenzi ukaba umwiza, kand’ agatambagira ku mpinga z’imisozi yo mw isi: izina ryiwe yitwa Uhoraho, Imana Nyen’ ingabo.


Muzobona ibara, yemwe abifuza umusi w’Uhoraho! Mbeg’ uwo musi w’Uhoraho muwugombera iki? Erega n’umwiza s’umuco!


Muhe Uhoraho icubahiro kibereye izina ryiwe: Musenge Uhoraho mushajije n’ukwera.


Dukabakaba ku nzu nk’impumyi, ni koko dukabakaba nk’abatagira amaso; ku murango w’amashōka dutsitara nko mu kajoro; mu bagikomeye tumeze nk’abapfuye.


n’umusi w’umwiza n’umuzimagiza, n’umusi w’ibicu n’ibipfungu; nk’uk’ umutwenzi utambikira ku misozi, ni kw ihanga rihambaye kandi rikomeye ritumbutse. Ntihigeze kuboneka irimeze nka ryo, kandi no hanyuma nta rizobaho nk’iryo, uhereye none, ukageza kw iherezo ry’ibihe.


Ni mwanka kwumva, mukanka kurishirak’ umutima, ntimuheshe izina ryanje icubahiro, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nzobavuma wa muvumo, n’imigisha yanyu nzoyivuma; mbere mmaze no kuyivuma, kuko mutarishizek’ umutima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ