Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 13:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Nk’uk’ umukanda uramata ubura bg’ umuntu, uko ni ko nari naratumye inzu yose ya Isirayeli indamatako, bo n’inzu yose ya Yuda, ni jewe Uhoraho mbivuze; kugira ngo bambere ubgoko niharije, bampeshe izina ry’iritazirano, n’icubahiro n’ubgiza: ariko banka kwumva.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 13:11
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ iki gisagara kizombera izina ry’umunezero, kimbere n’ishimwe n’icubahiro imbere y’amahanga yose yo mw isi, abazokwumva ivyiza vyose nabakoreye; bazotinya bahinde agashitsi kubg’ ivyiza vyose n’ amahoro yose ndahahaye.


abantu niremeye kugira ngo bamenyekanishe ishimwe ryanje.


Arikw abantu banje ntibanyumviye; Abisirayeli baranyikunkumura.


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


Ni wewe washizeh’ ibimenyetso n’ ibitangaza mu gihugu ca Egiputa, gushitsa no kur’ uyu musi, mu Bisirayeli no mu bandi bantu, ukīronkera izina rya rurangiranwa, nk’uko rimeze n’uyu musi;


Aba bantu b’abanyakibi, uko bākanse kwumva amajambo yanje, bakagendera mu budadarare bg’imitima yabo, bagakurikira izindi mana ngw abe ari zo basaba, bazisenge, bazomera nk’uyu mukanda utakigira ico umaze.


ariko na ho nyene ntibānyumvira, canke ngo batege ugutwi kwabo, ariko bagamika amazosi yabo; bagatako bagakora ibibi birengeye ivya ba sekuruza.


Nabashiriyeh’ abashibamyi, nti Ni mwumvirize ijwi ry’inzamba; ariko bo baravuga, bat’ Eka ntituryumviriza.


Kandi bazobita Ihanga ryera, Abācunguwe n’Uhoraho; kand’ uzokwitwa Ahārondewe, Umurwa utāhebge.


Nta rindi hanga yagiriye artyo: Mbere n’imanza ziwe ntibāzimenye. Haleluya!


Kuk’ Uhoraho yitoranirije Yakobo, Isirayeli yamutoranirije kuba uwiwe bgite.


Kand’ Uhoraho na we uyu musi yātuye ko muzomubera ihanga yiharije, nk’uko yabasezeraniye; nuko mukwiye kwitondera ivyagezwe vyiwe vyose,


Mbega har’ ihanga rihambaye rifise imana iri hafi yaryo nk’uk’ Uhoraho Imana yacu aba hafi yacu, iyo tumwambaje?


muti N’umukungugu wo mu gisagara canyu, ufashe mu birenge vyacu, turawubakunkumuriye: ariko mumenye iki, yuk’ ubgami bg’Imana buri hafi.


Kandi none, ko mwakoze ivyo bikorwa vyose, ni jewe Uhoraho mbivuze, nkaba nari naravuganye namwe nzinduwe no kubabgira, ariko ntimwumve, nkabahamagara ariko ntimwitabe;


arikw ijambo nabageze ryar’ iri: nababgiye, nti Ni mwumvire ijwi ryanje, maze nanje nzoba Imana yanyu, namwe muzoba abantu banje; mugendere mu vyo mbagera vyose, kugira ngo bibagendere neza.


Ariko ntibāvyumvira, kandi ntibātega ugutwi kwabo, ariko bāgendera mu migabo yabo, no mu bukomantare bg’imitima yabo mibi, kandi bāsubira inyuma, ntibāja imbere.


Uku ni k’Uhoraho yambariye, ati Genda wigurire umukanda w’impuzu yera, uwukenyeze, ntuwukoze mu mazi.


None rer’ ubabgire iri jambo, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Umubindi wose uzokwuzuzwa vino. Na bo bazokwishura, bat’ Ugira ngo ntitwari tubizi yuk’ umubindi wose uzokwuzuzwa vino?


Ni mwumve iri jambo Uhoraho abavuzeko, yemwe Bisirayeli, arivuze ku muryango wose yadūganye, awukūye mu gihugu ca Egiputa,


kugira ngw abasumbishe ayandi mahanga yose yaremye, muyarushe gushemagizwa no kwāmāmara no kwubahwa, mubere Uhoraho Imana yanyu ihanga ryera, nk’uko yavuze.


at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzozana kur’ iki gisagara, no ku bindi bisagara vyose vyo hafi yaco, ivyago vyose nakigeneye, kuko bāgamitse amazosi yabo, bakanka kwumva amajambo yanje.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ