8 Ishamvu yanje yampindukiye nk’intambge yo mu kibira: irantontomeye, ni co gitumye ndayanka.
turacumura kandi twihakana Uhoraho, duta inzira tukareka gukurikira Imana yacu, tukavuga ivy’ agahahazo n’ubugarariji; dusama inda y’ ibinyoma, tukabivuga biturutse mu mutima.
Imigunza y’intambge yamwivugiyeko irenza amajwi, yahinduye igihugu ciwe imisaka; ibisagara vyiwe vyaturiwe, bisigaye ata wukihaba.
Bazokwivuga nk’imigunza y’intambge bose icarimwe, bagwangware nk’ ivyana vy’intambge.
Uko ni ko yagaragaje ubusambanyi bgiwe, agatwikurura ibiteye isoni vyiwe: nanje umutima wanje uca uramuzinukwa na we, nk’uko wazinutswe mukuru we.
Ibigabitanyo vyabo vyose vyagaragariye i Gilugali; ni ho nabazinukiwe; kubg’ ibigabitanyo vy’ivyo bakoze nzobirukana mu nzu yanje; sinzoba nkibakunda ukundi: abaganwa babo bose n’ abagarariji.
ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize. Umwami Uhoraho arirahiye, ati Nanka urunuka ubgibone bg’aba Yakobo, nzinutswe n’ingoro zabo; ni co gituma nzogabura igisagara n’ibirimwo vyose.
Ariko mur’ ibi bihe abantu banje mumpagurukiye nk’abansi: abagenda ata co bīnona, batagomba intambara, mubakiza imitamana basēsa hejuru y’izindi.
Mu kwezi kumwe ngeseza ba bungere batatu; kuk’ umutima wanje war’ ubarambiwe, kandi n’iyabo yari yanzinutswe.