7 Nahevye inzu yanje, nataye ishamvu yanje; narekuriye inkundwakazi y’umutima wanje mu maboko y’abansi.
Kukw abantu bawe, ari bo nzu ya Yakobo, wabahebeshejwe n’uko buzuyemw’ imigenzo ivuye i burasirazuba, bakaragura nk’Abafilisitiya, kandi bakifatanya n’abana b’abanyamahanga.
Mbeg’ inkundwakazi yanje igikora iki mu nzu yanje, ko yakoze ibiteye isoni? Mbeg’ amasezerano yawe n’inyama z’ibimazi ugira ngo vyogukiza? Canke ben’ ivyo ugira ngo vyokurokora?
Ibigabitanyo vyabo vyose vyagaragariye i Gilugali; ni ho nabazinukiwe; kubg’ ibigabitanyo vy’ivyo bakoze nzobirukana mu nzu yanje; sinzoba nkibakunda ukundi: abaganwa babo bose n’ abagarariji.
Bazokwicwa n’ubugi bg’inkota, bazojanwa mu mahanga yose ar’inyagano: kand’ i Yerusalemu hazosiribangwa n’abanyamahanga, kugeza ah’ ibihe vy’abanyamahanga bizoshirira.
nzokoraniriza hamwe amahanga yose, mbamanukane mu kiyaya ca Yehoshafati; ni ho nzobavuganiriza, mbūrana abantu banje, ni bo shamvu yanje Abisirayeli, abo bāsābagirije mu mahanga, bakīgaburira igihugu canje.
Ni muvugirize inzamba i Siyoni, mushinge igihe co kwisonzesha, mutāngāze hose, habe ikoraniro ry’agahebuza,
riti Bgira ab’ inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Ngira mpumanye ahantu hanje hēra, aho mwishimira yukw ari ho bubasha bganyu, mukahamizakw amaso, imitima yanyu ikahagirira igishika; kand’ abahungu banyu n’abakobga banyu mwasizeyo bazoririkwa n’ inkota.
Kukw Abisirayeli atar’ intābga, cank’ Abayuda, ku Mana yabo, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo, nah’ igihugu cabo cuzuye ivyo bācumuye k’Uwera w’Abisirayeli.
Ni wiharangure umushatsi, ewe Yerusalemu, uwushibure; uheze uturike uborogere ku mpinga mu ruharabuga; kuk’ Uhoraho yaciye ab’ uru runganwe yarakiye, akabaheba.
nuko rero, nk’uko nagiriye i Shilo, ni ko nzogirira iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, iyo mwizigira, ni ho hantu nabahaye, mwe na ba sogokuruza banyu.
Mbega waciye Yuda ruhebga? Umutima wawe wanse Siyoni urunuka? N’iki gitumye udukubita, tukabura ikituvūra? Twari twiteze amahoro, ariko nta vyiza twabonye; twari twiteze igihe co kuvūrirwamwo, ariko tubona ibitugwisha igihūmura!
Kandi nawe uzohomba ishamvu yawe naguhaye, ari wewe uvyihamagariye; nzotuma ukorera abansi bawe uri mu gihugu utazi, kuko mwadometse umuriro w’uburake bganje uzokwaka gushitsa ibihe vyose.
Kand’ aba bantu canke kamenyi cank’ umuherezi, ni hagira ūkubaza, at’ Imbūri y’Uhoraho ivuga iki? uz’ umwishure, ut’ Ugize ngw imbūri n’iki? N’ukw agira ngw abate, ni k’Uhoraho agize.
nuko rero nzobībagira rwose, nzobashiburana n’igisagara nabahānye na ba sogokuruza, ngo mumve imbere;
Isirayeli uhereye akir’ umwana naramukunda, maze mpamagara uwo mwana wanje ngw ave muri Egiputa.
Aba Benyamini abavugako, Ati N’umutoni w’Uhoraho, kand’ azobana na we amahoro; Yama amukingiriye bukarinda bgīra, Aba mu bitugu vyiwe.
Kandi nzoshiburira hirya amasigarira yo mw ishamvu yanje, mbagabure mu maboko y’abansi babo, bahinduke inyagano n’isahu ku bansi babo bose;
Kand’ itanga n’abantu bayo ngo bicwe n’inkota, Irakira ishamvu yayo.
Bituma uburake bg’Uhoraho buziriringira abantu biwe, Yanka urunuka ishamvu yiwe.
Ariko ni mwanka kwumva ayo majambo, iyi ngoro izocika umusaka, ndirahiye ubganje, ni jewe Uhoraho mbivuze.