Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 12:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ko wirukanye n’abiruka ku maguru bakakuruhisha, none woshobora ute gusiganwa n’amafarasi? Namb’ ugira amahoro gusa igihugu gitēkānye, non’ uzomera ute Yorodani rwigize akagabo?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 12:5
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abo nkunda, umuriro uri hagati yanyu wo kubagerageza ntukabatangaze, nk’aho mubonye akatābonetse.


Ni wadendebukirwa ku musi w’ivyago Inkomezi zawe zizoba zari nke.


Eh’ azodūga nk’intambge ivuye kuri Yorodani iyo rwigize akagabo, ngw atere ahantu h’itsitsi hakomeye: ariko nzotuma bahunga bahave giturumbuka, kand’ uwo nzotoranya ni we nzoshinga ngw ahaganze: none ni nde ahwanye nanje? Kandi ni nde azonshingira igihe? Kandi ni nde mwungere yohangara guhagarara imbere yanje?


Eh’ azodūga nk’intambge ivuye kuri Yorodani iyo rwigize akagabo, ngw atere ahantu h’itsitsi hakomeye: ariko nzotuma ahahunga giturumbuka, kand’ uwo nzotoranya ni we nzoshinga ngw ahaganze: none ni nde ahwanye nanje? Kandi ni nde azonshingira igihe? Kandi ni nde mwungere yohangara guhagarara imbere yanje?


Idamba rihamagara irindi damba, kubgo kubomborana kw’amasūmo yawe: Imipfunda yawe yose n’imikuba yawe yose birandengeye.


Mwana wanje, ntugaye igikāngīro c’Uhoraho, Kandi nturambirwe n’uguhana kwiwe:


Nukw abo baherezi bareruye iyo sandugu bashika kuri Yorodani, maze bagishōrera ibirenge vyabo ah’amazi agarukira (kuko mu gihe c’iyimbura, Yorodani rwama rurenga inkombe zarwo),


Maz’ umwami abarira Yerameyeli umwana w’umwami na Seraya mwene Aziriyeli, na Shelemiya mwene Abudeli ngo bafate Baruki umukarani n’uwavugishwa n’Imana Yeremiya: arik’ Uhoraho arabahisha.


Nuko Yeremiya aheraheje kuvuga vyose Uhoraho yamugeze kubarira abantu bose, abaherezi n’abo ba kamenyi n’ abantu bose baramufata, bati Ntugenda udapfuye.


Abo ni bo bājabutse Yorodani mu kwezi kwa mbere, igihe rwari rwamaze iminyika yose; batera abāba mu biyaya vy’i burasirazuba n’i burengerazuba, babirukana bose.


None rero, uku ni k’Uhoraho agize ku vy’abagabo bo muri Anatoti barondera kukwica, bati Ntuz’ ugire ico uvuga mw izina ry’Uhoraho, twoye kuzokwica:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ