Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 12:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Igihugu kizogeza ryari kuboroga, n’ivyatsi vyo mu ntāra yose gukabirana? Kubg’ ibibi vy’abakibamwo ibikōko n’inyoni bikimazwemwo: kuko bavuga, bat’ Ivy’ iherezo ryacu nta ho azobibona.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 12:4
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Igihugu kimera agihindura akarēre k’umunyu, Kubg’ ivyaha vy’abahaba.


Ivyo urabikora, nanje ngahora, Ukiyumvira yuko mpwanye nawe rwose: Ariko nzoguhana, mbishire imbere y’amaso yawe, uko bikurikirana.


Igihugu kiriganyira, kirakabiranye; isi irahondobereye, irakabiranye, abakuru bo mw isi barahondobereye.


Ni co catumye umuvumo utongora isi, kand’ abayibamwo ni vyo bahōwe: ni co catumye ababa mw isi baturirwa, hagasigara abantu b’imparūrwa.


Bāhagize amatongo; haramborogera, kuko habaye ibitongozi; igihugu cose n’amatongo, kukw ata wigeze kubishirak’ umutima.


I Buyuda haraboroga, amarembo yaho arihebuye, bicara hasi biraburaniwe; gutaka kw’i Yerusalemu kugiye hejuru.


Kukw igihugu cuzuye abasambanyi; kubg’ umuvumo igihugu kiragandaye; imyīmīro yo ku mirāmbi irumye; ingeso zabo ni mbi, ububasha bgabo ni bubi.


Nararāvye, nsanga ata muntu n’umwe ariho, n’inyoni zose zo mu kirēre zarahunze.


Kubg’ ivyo isi izogandara, n’ijuru ryiraburanirwe: kuko mbivuze, kandi mbimaramaje, sinzokwigarura canke ngo nihindukize.


ngw Ivy’ abavugishwa n’Imana n’ibitwarwa n’umuyaga, kand’ ijambo ryayo ntiriri muri bo: ngw Ivyo babūra birakaba ari bo bigarukako.


ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?


Nuko rero, uku ni ko mbivuze, jewe Umwami Uhoraho, nt’ Eh’ uburake bganje n’ubushangashirwe bganje bizosukwa aha hantu, uhereye ku bantu no ku bitungwa no ku biti vyo ku misozi no ku bimera vyo mu mirima; buzotongora, nta kizobuzimya.


Ngira ndirire imisozi ndayiborogere, ncurire akanihiro amātsi yo mu biyaya, kuko haturiwe, ata wukihaca, kand’ ata wucumva kwābagirana kw’amasho; inyoni zo mu kirēre bo n’ibikōko birahunze, biragiye.


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni jewe Uhoraho mbibajije; mbeg’ umutima wanje ntuzobihōra ubgoko bumeze burtyo?


Ni co gituma igihugu kirira, abakibamwo bagahondobera, bo n’ibikōko vyo mw ishamba n’ibisīga vyo mu kirēre; mbere n’amafi yo mu kiyaga na yo agakamangana.


Ewe kuntu amatungo yābagirana! Amasho y’inka aragangaraye, kukw ahebuye ubgatsi; mbere n’imikuku y’intama iragowe.


Nuko yaravuze, at’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; maz’ amaragiro y’abungere azosigara aganya, no ku gatwe k’i Karumeli hazokwuma.


Nah’ umusukoni utoshurika, Canke n’imizabibu ngw igire ico yama, N’icimburo c’imyelayo kikabura, N’imirima ntiyere indya na mba, N’umukuku ugahenebera mu ruhongore, Ntihabe hakigira n’inka mu rugo:


Umumarayika w’Uhoraho araheza aravuga, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, uzogeza ryari kutagirira Yerusalemu ikigongwe, n’ibisagara vy’i Buyuda, ivyo warakiye iyi myaka yose ukw ari mirongwirindwi?


Kuko tuzi yukw ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n’ubu:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ