Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 12:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ariko wewe, Uhoraho, uranzi; urambona, ugerageza umutima wanje ng’ urābe uk’ ukumereye: ubakwegere kubāgwa nk’intama, ubategurire umusi wo kubāgirwako.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 12:3
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ati Tegēra, Uhoraho we, ni wibuke ingene nagendera mu vy’ukuri imbere yawe n’umutima utunganye, ngakora ivyo ubona kw ari vyiza. Hezekiya ararira cane.


Kandi Mana yanje, nzi yuk’ usuzuma umutima, kandi k’uhimbarwa n’ubugororotsi. Nanje nshikanye ibi bintu vyose bivuye mu mutima ugororotse. Kand’ ubu ngize akanyamuneza kubona abantu bawe bari hano bagushikanira n’imitima ikunze.


Yamara yo irazi inzira ncamwo; Ni yamara kumvugutira nzovamwo mmeze nk’izahabu.


Uhoraho asuzuma abagororotsi: Arik’ umunyakibi n’ūkunda umuryano, umutima wiwe urabanka.


Mana, nsuzuma, umenye umutima wanje, N’uncace, umenye ivyiyumviro vyanje,


Wagerageje umutima wanje, wangendeye mw ijoro; Waransuzumye, ntiwambonamw’ imigabo mibi; Akanwa kanje ntigacumura.


Uhoraho, uncire urubanza, kuk’ ukugororoka kwanje ari kwo ngenderamwo, Kandi nizigira Uhoraho ntakekeranya.


Ububi bg’abanyakibi ni bushire, arikw abagororotsi ubashigikire: Kukw Imana igororoka ari yo isesa imitima n’imishaha.


Ewe Uhoraho, ivyo urabizi: nyibuka, ungendere, umpōre abandendereza; ntunkūreho, kubg’ ukwihangana kwawe: menya kw ari kubgawe ntukwa.


Ariko jewe ubganje sinanse kuba umwungere nk’uk’ ugomba; sinifuje wa musi w’ivyago, nawe urabizi: ico navugishije akanwa cose car’ imbere yawe.


Abampīga ni bamāramāre, ariko jeho noye kumāramāra; ni bacike ivutu, ariko jeho noye kuricika: ubashitseko wa musi w’ivyago, ubageseze umurengera.


Ariko wewe, Uhoraho Nyen’ ingabo, wewe ugerageza abagororotsi, ukitegereza imishaha n’imitima, umpe kwibonera ingen’ ubīhōra, kukw ari wewe nitwayeko.


Mowabu hacitse imisaka, badūze gutera ibisagara vyaho, kand’ imisore yaho y’intōre imanutse gukekagurwa, ni k’Umwami agize, yitwa Uhoraho Nyen’ ingabo.


Ni mwice amakombe yaho yose; n’amanuke aje kubāgwa. Babonye ibara! Kuk’ umusi wabo washitse, ni wo gihe co kūzirwa kwabo.


Bazokwicwa bahindikirane aho nyene i Bukaludaya, batobekeranirizwe mu nzira zaho.


Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.


Mwidibamiye mw isi, mwihaye ibibahimbara: mwifunereje mu mitima ku musi wo gukekagurwa.


Arikw abo bantu bameze nk’ibikōko bitagira ubgenge, ibikōko bukōko, vyavukiye gutegwa no kwicwa, batuka ivyo batazi, guhonnya kwabo kuzobahonnya na bo,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ