Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 12:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Warababaditse, mbere bashinga imizi; barakura, mbere no kwama barāma: uhora hafi mu kanwa kabo, arik’ ukaba kure y’imishaha yabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 12:2
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mu gisagara abantu baraniha, Kand’ imitima y’abakomeretse iratakamba: Yamar’ Imana ntiruha ivyibaza.


Ubganje nabonye igipfu kiriko kirashōra imizi, Ubgo nyene mvuma ahantu kiba.


Nabonye umunyakibi afise ububasha buhambaye, Agasaye nk’igiti kiremvye kir’ aho cimejeje.


Umwami Imana aravuga, at’ Aba bantu ko bahora baza hafi yanje, bazanye akanwa kabo gusa, bakanyubahisha iminwa yabo, arikw imitima yabo bakayishira kure yanje, n’ukunyubaha kwabo kukaba ar’ icagezwe bigishijwe n’abantu.


Kuko jewe Uhoraho Nyen’ ingabo nari narakubaditse, ari jewe nyene nkugeneye ivyago, kubg’ ibibi vyakozwe n’ab’ inzu ya Isirayeli n’ab’ inzu ya Yuda, ivyo bakoze vyo kundatsa, mu kwosereza Bayali imibavu.


Kandi nah’ ivyo bimeze birtyo, mwene nyina Yuda Inamuryarukanyi ntiyangarutseko n’umutima wose atar’ ukugaruka mu buryarya, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Uku abe ari k’umubarira, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Rāba, ico yubatse azogisambura, kand’ ico yatēragiye azokirandura: azokora artyo mu gihugu cose.


Maze baza kuri wewe nk’ ukw abantu basanzwe baza, bakicara imbere yawe nk’ah’ ar’ abantu banje, bakumviriza amajambo yawe, ariko ntibayakore: kuko berekanisha akanwa kabo urukundo rwinshi, yamar’ imitima yabo ikurikira ukwiyungukira kwabo.


Ntibantakambiye bivuye ku mutima, ariko baborogera ku mariri yabo: ikibakoraniriza hamwe n’indya na vino, ariko jeho barangarariza;


Wewe w’inyonga zitunganye zitorāba ikibi, kand’ utoshobora kwitegereza ivy’ inzigo, n’iki gituma none witegereza abaryarukanyi, ukiyihorerera igihe umunyakibi arotsa umuntu amurusha ubugororotsi;


at’ Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, Arikw imitima yabo iri kure yanje.


Arabishura, ati Yesaya yavuze neza ivyo yavugishijwe n’Imana kuri mwebge indyarya, nk’uko handitswe, ngw Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, Arikw imitima yabo iri kure yanje.


Bavuga yuko bazi Imana, ariko bayihakanisha ivyo bakora; n’abo kwankwa urunuka, n’abatumvira Imana, no mu bikorwa vyiza vyose nta co bamaze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ