ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?
Kuk’ uhereye kuri nyarucari muri bo ugashitsa no k’ūhambaye, umuntu wese yifuza inyungu mbi; kand’ uhereye kuri ba kamenyi ugashitsa no ku baherezi, umuntu wese aragunga.
Ni co gitumye abagore babo nzobaha abandi, n’amatongo yabo nkazoyaha abandi bakayegukira: kuk’ umuntu wese, uhereye kuri nyarucari muri bo ugashitsa no k’ūhambaye wo muri bo, yifuza inyungu mbi: kand’ uhereye kuri ba kamenyi ugashitsa no ku baherezi, umuntu wese aragunga.