Yeremiya 11:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)8 Yamara ntibānyumvira, canke ngo batege amatwi, ariko bāgendera mu budadarare bg’imitima yabo mibi: ni co catumye mbashitsakw ivyo nababūriye vyose vyo mur’ iryo sezerano, iryo nabageze kwitondera, ntibaryitondere. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kandi nabatumyekw abasavyi banje bose abo navugisha, nama nzindurwa no kubatuma, nt’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye ibikorwa vyanyu, mwoye gukurikira izindi mana ngo muzigendanire; nti Ni ho muzobona kwibera mu gihugu nabahaye, mwe na ba sogokuruza: ariko ntimwateze ugutwi, canke ngo munyumvire.
Ariko ntituzobura gushitsa ijambo ryose rivuye mu kanwa kacu, ngo twosereze imibavu umwamikazi wo mw ijuru, tumusukire n’ibiturire, nk’uko twahora dukora, twe na ba sogokuruza n’abami bacu n’abaganwa bacu, mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu: kukw ico gihe twagira indya nyinshi, tukibera amahoro, nta vyago twabona.