Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 11:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kuko nihanikirije rwose ba sogokuruza banyu, mpereye umusi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa ngashitsa no kur’ uyu musi, nzinduka mbihanikiriza, mvuga nti Ni munyumvire.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 11:7
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yamar’ Uhoraho yama abūrira Abisirayeli n’Abayuda, abicishije mu bo yavugisha bose no muri ba kamenyi bose, ati Ni muhindukire, mureke ingeso zanyu mbi, mwitondere amabgirizwa yanje n’amateka yanje, nk’ ukw ivyagezwe vyose biri, ivyo nageze ba sogokuruza banyu, nkagenda ndabibabarira, ndabicishije mu basavyi banje navugisha.


Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, akabatumakw intumwa ziwe, akāma azindurwa uko bukeye no kubatuma, kuko yatewe akagongwe n’abantu biwe bo n’ aho hantu yaba.


Arababarira, ati Ni mwagira umwete wo kwumvira Uhoraho Imana yanyu, mugakora ibitunganye mu nyonga ziwe mukumvira ivyagezwe vyiwe, mukitondera ivyo yihanikirije vyose, ngo Nta ndwara azobateza nk’ izo yateje Abanyegiputa; ngo Kukw ari we Uhoraho, abakiza indwara.


iryo nihanikirije ba sogokuruza ku musi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa, muri rya tanure rivugutira ivyuma, nti Ni munyumvire, mukore vyose ivyo mbagera: uko ni ko muzoba abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu;


at’ Uhereye mu mwaka ugira icumi na gatatu wa Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda, gushitsa no kur’ uyu musi, iyo myaka ukw ari mirongwibiri n’itatu, ijambo ry’ Uhoraho ryama rinzako, nanje nkaribabgira, nkāma nzindurwa no kubabarira, namwe ntimwumve.


Kand’ Uhoraho yabatumyekw abasavyi biwe bose abo yavugisha, yama azindurwa no kubatuma, namwe ntimwumve, canke ngo mutege amatwi ngo mwumvirize;


ridahwanye n’isezerano nasezeranye na ba sekuruza, ku musi nabafata ukuboko nkabakūra mu gihugu ca Egiputa; kand’ iryo sezerano nyene bāraryishe, naho nari shebuja, ni jewe Uhoraho mbivuze.


baracinjira barakiganza; yamara banka kukwumvira, no kugendera mu vyagezwe vyawe; ntibakora na kimwe mu vyo wabageze vyose gukora: ico ni co catumye ubatēza ivyo vyago vyose.


nt’ Ukw imyaka ndwi igiye gushira, umuntu wese az’ arekure mugenzi we w’Umuheburayo, uwo yaguze akamukorera imyaka ndwi, amurekure amuveko, abe uwidegemvya: yamara ba sogokuruza ntibānyumvira, canke ngo bantege ugutwi.


Amajambo ya Yonadabu mwene Rekabu, ayo yihanikirije abana biwe ngo ntibanywe vino, barayashitsa, no gushitsa kur’ uyu musi nta yo banywa, kuko bumviye iragi rya sekuruza; ariko jeho navuganye namwe, nama nzindurwa no kubabarira, namwe ntimwanyumvira.


Kandi nabatumyekw abasavyi banje bose abo navugisha, nama nzindurwa no kubatuma, nt’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye ibikorwa vyanyu, mwoye gukurikira izindi mana ngo muzigendanire; nti Ni ho muzobona kwibera mu gihugu nabahaye, mwe na ba sogokuruza: ariko ntimwateze ugutwi, canke ngo munyumvire.


Kandi none, ko mwakoze ivyo bikorwa vyose, ni jewe Uhoraho mbivuze, nkaba nari naravuganye namwe nzinduwe no kubabgira, ariko ntimwumve, nkabahamagara ariko ntimwitabe;


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli: ereg’ Uhoraho afitaniye imibūrano na ben’ igihugu, kukw ata kuyoboka kuri mu gihugu, cank’ imbabazi, cank’ ukumenya Imana.


Ni mwumve ibi, yemwe baherezi, kandi mwumvirize namwe ab’ inzu ya Isirayeli, mutege amatwi yemwe ab’ inzu y’umwami, kuk’ urubanza ari mwebge rutsinze; kuko mwabereye i Misipa umutego, mukabera i Tabora ururiba rutezwe.


Mureke kuba nka ba sogokuruza banyu, abo navugisha kera bābabarira basemerera, bat’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Enda ni muhindukire muve mu ngeso zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi; maze ntibumva, nanje ntibanyumvira, ni k’Uhoraho agize.


Ni co gituma mvuga ibi, nkabishingira intahe mu Mwami wacu, ngo ntimube mukigenda nk’ukw abanyamahanga bagenda, bagendera mu bitagira ikimazi vyo mu bgenge bgabo,


Ico mbageze cose muze mucitondere, mugishitse; ntimuze mucungurireko, canke ngo mukigabanye.


mukunde Uhoraho Imana yanyu, mumwumvire, mwifatanye na we akaramata, kukw ari we bugingo bganyu n’ukuramba kwanyu; kugira ngo mubone kuba mu gihugu yarahiye ba sogokuruza Aburahamu na Isaka na Yakobo, kw azokibaha.


Nuko muze muvyitondere, mubishitse, kukw ivyo ari vyo bizogaragariza ayandi mahanga ubgenge bganyu n’ubunyarutsi bganyu, igihe azokwumva ayo mabgirizwa yose, akavuga, ati N’ukuri iri hanga rihambaye n’ abantu b’abanyabgenge bafise ubunyarutsi.


At’ Icompa bagahorana ben’ uwo mutima, ubatera kunyubaha no kwama bitondera ivyagezwe vyanje vyose, kugira ngo bamererwe neza, bo n’uruvyaro rwabo, ibihe vyose!


ngo mwubahe Uhoraho Imana yanyu, mwitondere amabgirizwa yiwe yose n’ ivyagezwe vyiwe vyose, ivyo mbagera, mwe n’abana banyu n’ abuzukuru banyu, imisi yose y’ ukubaho kwanyu, kugira ngo mubone kuramba.


Muze mwitondere ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu, mugendere mu nzira ziwe, mumwubahe.


Arikw abameze bartyo turabagera tubahanūra kubg’ Umwami Yesu Kristo, gukora ibikorwa batekereje, babone kurya ivyo bīronkeye ubgabo.


None rero n’upfe kubemerera, arik’ ubihanikirize cane, ubamenyeshe ingeso z’umwami azobaganza uko zizobamerera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ