Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 11:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 kugira ngo mbone gushitsa indahiro narahiye ba sogokuruza, yuko nzobaha igihugu gitemba amata n’ubūki, nk’uko bimeze uyu musi. Nuko ndishura, nti Amen, Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 11:5
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None rero, Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, ijambo ryawe wabariye umusavyi wawe Dawidi urishitse.


Yama yibuka isezerano ryiwe imisi yose; Ijambo yashinze yama aryibuka uk’ urunganwe rugenda rukurikirana gushitsa ibihe igihumbi,


Nuko rer’ Uhoraho ni yamara kubashikana mu gihugu c’Abanyakanani n’Abaheti n’Abamori n’Abahiwi n’Abayebusi, ico yarahiye ba sogokuruza banyu kw azokibaha, igihugu gitemba amata n’ubūki, muze mwame mwitondera uyo muhango mur’ uku kwezi, iyo gutashe hose.


Uko ni ko nzogirira aha hantu, bo n’abahaba, ni jewe Uhoraho mbivuze, mpindure iki gisagara kibe nk’i Tofeti:


Yeremiya ūvugishwa n’Imana aravuga, at’ Amen! Uhoraho n’ akore nk’uko! Uhoraho n’ashitse amajambo yawe uvugishijwe, agarukane ivy’ imbombovu vyo mu ngoro y’Uhoraho, n’abo bose bānyazwe, abakūre i Babuloni abazane aha hantu!


ukabaha iki gihugu, ico warahiye ba sekuruza babo kuzobaha, ar’ igihugu gitemba amata n’ubūki;


Ariko mwebge narababgiye, nti Ni mwebge muzokwegukira igihugu cabo, kandi nzokibaha, kibe icanyu, ico gihugu gitemba amata n’ubūki: ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabatandukanije n’ayandi mahanga.


kandi ntutujane mu bitwosha nabi, arik’ udukize wa Mubi. [Kuk’ ubgami n’ubushobozi n’icubahiro ar’ ivyawe ibihe bidashira. Amen.]


Iy’ ushimye Imana, ushimishije impwemu yawe yonyene, mbeg’ ūri ku ruhande rw’abatungu yoshobora ate kuvuga, ati Amen, ni waheza gushima, kand’ atamenye ic’ uvuze?


None rero, yemwe Bisirayeli, ni muvyumve, muvyitondere; kugira ngo mumererwe neza, mugwire cane, muri mu gihugu gitemba amata n’ ubūki, nk’uk’ Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabasezeraniye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ