Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 11:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 iryo nihanikirije ba sogokuruza ku musi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa, muri rya tanure rivugutira ivyuma, nti Ni munyumvire, mukore vyose ivyo mbagera: uko ni ko muzoba abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 11:4
39 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, nzobaha iki gihugu wabayemw’ ur’ inyambukīra, ni co gihugu cose c’i Kanani, kuba ishamvu y’ibihe vyose: na bo nzoba Imana yabo.


kukw ar’ abantu bawe n’ ishamvu yawe wīkūriye muri Egiputa, hagati muri rya tanure rivugutira ivyuma.


kuko yifatanije n’Uhoraho akaramata, ntākevye ngw areke kumukurikira, arikw akitondera ivyagezwe Uhoraho yageze Mose.


nkagirira ikigongwe abankunda, bakitondera ivyagezwe vyanje, nkageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi.


Imbūri yo ku bikōko vy’i bumanuko. Baca mu gihugu c’ amagorwa n’umubabaro, ah’ intambge y’ingore n’iy’ ingabo zituruka, hakaba n’imamba n’inzoka z’ubumara buturira ziguruka, baremētse indogoba z’imikangara ivy’ ubutunzi bgabo, bashize n’ivy’ itunga ryabo ku mapfupfu y’ ingamiya, kugira ngo baje kubishikanira abantu batazobagirira ikimazi.


Ehe ndakuvugutiye, ariko si nk’ifeza; nkugeragereje mu ruganda rwo kubabazwa.


Kuko nihanikirije rwose ba sogokuruza banyu, mpereye umusi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa ngashitsa no kur’ uyu musi, nzinduka mbihanikiriza, mvuga nti Ni munyumvire.


Kandi nzobaha umutima wo kummenya yuko nd’ Uhoraho: bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo, kuko bazongarukanak’ umutima wabo wose.


None rero mutunganye ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, mwumvire Uhoraho Imana yanyu; maz’ Uhoraho azokwigarura areke ibibi yar’ abageneye.


Kandi muzoba abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ehe nzotanga iki gisagara mu maboko y’Abakaludaya, no mu kuboko kwa Nebukadineza, umwami w’i Babuloni, kand’ azogitsinda;


Yeremiya aramwishura, ati Ntibazobaguha. Ndakwinginze, wumvire Uhoraho mur’ ivyo nkubariye: ni ho uzomererwa neza, ukikiza.


ngo babone kugendera mu vyagezwe vyanje, no kwitondera amabgirizwa yanje ngo babishitse: maze bazoba ihanga ryanje, nanje nzoba Imana yabo.


kugira ngw ab’inzu ya Isirayeli ntibongere kwāngāra ngo bamveko, canke ngo bongere kwihumanisha ibicumuro vyabo vyose; ariko baze babe abantu banje, nanje mbe Imana yabo, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Kandi muzokwibera mu gihugu nahaye ba sogokuruza, mube abantu banje, nanje mbe Imana yanyu.


Ntibazokwongera kwihumanisha ibigirwamana ukundi, cank’ ibizira vyabo, cank’ ibicumuro vyabo vyose; ariko nzobarokora mbakūre ahantu bibera bākoreye ivyaha, mbatunganye: uko ni ko bazoba abantu banje, nanje mbe Imana yabo.


Ihema ryanje na ryo rizoba kumwe na bo; nanje nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.


Maze Nebukadineza yīgira ku muryango w’iryo tanure ry’umuriro uhinda, ashira ijwi hejuru, ati Yemwe Shaduraka na Meshaki na Abedunego, mwa basavyi b’Imana isumba vyose, ni musohoke, muze hano. Nuko Shaduraka na Meshaki na Abedunego baca barasohoka bava hagati mu muriro.


Nzogendera hagati muri mwebge, mbe Imana yanyu, namwe mube abantu banje.


Ni mwahora mugendera mu mabgirizwa yanje, mukitondera ivyagezwe vyanje, mukavyumvira;


Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.


Kand’ abazoba bari kure bazoza bubake urusengero rw’Uhoraho; ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yabantumyeko. Ivyo bizoshika ni mwagira umwete wo kwumvira ijwi ry’Uhoraho Imana yanyu.


nzobazana basagaze hagati muri Yerusalemu; bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo mu kuri no mu bugororotsi.


mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.


Kand’ urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana? Kuko twebge tur’ urusengero rw’Imana nzima: nk’ukw Imana yavuze, iti Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo, Mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.


uwo mugisha muzowuhabga ni mwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu, ivyo mbagera uyu musi;


Ariko mweho, Uhoraho yarabashīngūye, abakūra muri rya tanure rivugutira ivyuma, ari ryo Egiputa, kugira ngo mumubere abantu yiharije, nk’uko biri n’ ubu.


ati Nd’Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


kand’ amaze guhīngūrwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira:


Samweli aramwishura, ati Mbeg’ Uhoraho ahimbarwa n’ibimazi vyoswa n’ ibindi bimazi gusumba ūmwumviye? Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy’impfizi z’intama.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ