2 riti Ni mwumve amajambo y’iri sezerano, muvugane n’abagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu;
Maze Yehoyada ashinga isezerano hagati y’Uhoraho n’umwami n’abantu, ngo babe abantu b’ Uhoraho; ashinga isezerano no hagati y’umwami n’abantu.
Maze Yehoyada ashinga isezerano hagati yiwe n’abantu bose n’umwami, ngo babe abantu b’ Uhoraho.
None ngabiye mu mutima wanje gusezerana isezerano n’Uhoraho Imana y’Abisirayeli, kugira ng’ uburake bgiwe bg’inkazi butuveko.
Maz’ umwami ahagarara ahantu yamenyereye, asezeranira imbere y’Uhoraho kw azomukurikira, no kuzokwitondera ivyagezwe vyiwe n’amabgirizwa yiwe n’ivyo yashinze, no kuzovyitonderesha umutima wiwe wose n’ubugingo bgiwe bgose, no kuzoshitsa amajambo y’iryo sezerano yanditswe mur’ ico gitabo.
Uti None rero, ni mwamwumvira vy’ ukuri, mukitondera isezerano ryiwe, muzomubera inyegu yiharije, yitoranirije mu mahanga yose: uti Kukw isi yose ar’ iyiwe;
Ijambo rivuye k’Uhoraho riza kuri Yeremiya,
Maz’ Uhoraho arambarira, ati Tāngāza aya majambo yose mu bisagara vy’i Buyuda, no mu nzira z’i Yerusalemu, uti Ni mwumve amajambo y’iri sezerano, muyitondere.