Yeremiya 11:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)18 Maz’ Uhoraho, urabimmenyesha, ndabimenya: uca unyereka ibikorwa vyabo. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kandi Elisa yari yicaye mu nzu yiwe, yicaranye n’abashingantahe; kand’ umwami yar’ atumye intumwa kuri we. Arikw iyo ntumwa itaramushikīra, Elisa abarira abo bashingantahe, ati Ntimubona k’uwo mwana w’umwicanyi atumye uwo kunca umutwe? Nukw iyo ntumwa ni yashika, muyugarane, mugumye urugi. Non’ ibirenge vya shebuja ntimwumva ingene vyumvikana inyuma yiwe?