16 Jewe Uhoraho nari nakwise igiti ca elayo kiremvye giteye igomwe, kirikw imyelayo myiza: noneho naragituriye, har’ urwamo rw’ akarūru kenshi, kand’ amashami yaco arahimbaguritse.
Amashami yaho ni yuma azohānyurwa; abagore bazoza bayacane; kukw iryo hanga ar’ iritagira ubgenge; ni co gituma Iyabaremye itazobagirira akagongwe, kand’ Iyababumvye itazobagirira akantu.
Ariko jeho mmeze nk’igiti ca elayo kiremvye co mu rugo rw’Imana: Nizigira imbabazi z’Imana kugeza ibihe bitazoshira.
Uwo muzabibu waraturiwe, waratemwe; Bahonejwe n’igitsure co mu nyonga hawe.
Umuntu n’ataguma muri jewe atabga nk’ukw’ ishami ritererwa inyuma y’uruzabibu, akuma; maze bakayatororokanya, bakayaterera mu muriro, agasha.
Arikw incabiti igenekerejwe ku bitsina vy’ibiti; nuko rer’ igiti cose kitāma ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro.
Nzobahana nk’ukw ibikorwa vyanyu vyamuje, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzodomeka umuriro mu kibira caho uzotongora ibiri hirya no hino yaho vyose.
Kukw abansi bawe bateye umuvurungano; Abakwanka bavyukije umutwe.
Abo ni bo biti vy’imyelayo bibiri n’ibiterekwakw amatara bibiri, bihagaze imbere ya Nyen’ isi.
Mu gihugu canyu cose muzoba mufise imyclayo, ariko ntimuzokwisiga amavuta yayo, kukw iyo myelayo yanyu izorumba.
Atotahara ari ku zuba, Amashami yiwe agasārira mu ndimiro yiwe yose.
Nuko rero, uku ni ko mbivuze, jewe Umwami Uhoraho, nt’ Eh’ uburake bganje n’ubushangashirwe bganje bizosukwa aha hantu, uhereye ku bantu no ku bitungwa no ku biti vyo ku misozi no ku bimera vyo mu mirima; buzotongora, nta kizobuzimya.
Amashami yiwe azogasara, ubgiza bgiwe buse n’igiti c’umwelayo, n’ugutāmirana kwiwe kumere nk’ibiti vy’i Lebanoni.
Ukuboko kwawe kube ku muntu agushiriye mu buryo, Ku mwana w’umuntu wirereye.
Yamara nari naguteye ur’ umuzabibu w’ubgoko, ur’ urugemwe rutōretse rwose: none se wabaye ute ko wampindukiye igiti c’umuzabibu w’ikijakija w’icaduka?