Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 10:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Bakoresha ifeza zātabatabge zavuye i Tarushishi, n’izahabu zavuye i Ufazi, ibikorwa vy’umuhinga, n’ivy’ amaboko y’umucuzi w’izahabu; bavyambika impuzu z’amasufe n’iz’ inyambarabami; vyose n’ibikorwa vy’abahinga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 10:9
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuk’ umwami yar’ afise amāto y’i Tarushishi yagendera ku kiyaga yajana n’aya Hiramu; ukw imyaka itatu ishize, ayo māto y’i Tarushishi yagaruka azanye amazahabu n’amafeza n’ amahembe y’inzovu n’inkima n’ ibisīga vyitwa tawusi.


Kuk’ umwami yar’ afise amāto aja i Tarushishi, ajanwa n’abantu ba Huramu; ukw imyaka itatu ishize, ayo māto y’i Tarushishi yagaruka azanye amazahabu n’ amafeza n’amahembe y’inzovu n’ inkima n’ibisīga vyitwa tawusi.


Ibigirwamana vyabo n’ifeza n’izahabu, N’ibikorwa n’amaboko y’abantu.


Abami b’i Tarushishi n’abo ku bizinga vyo mu kiyaga bazozana amashikanwa, Abami b’i Sheba n’ab’i Seba bazogorora ingorore.


Ni mujabuke muje i Tarushishi; muboroge, mwa baba mu kizinga co mu kiyaga.


Ikigirwamana, umuhinga arakiyaza, umucuzi w’izahabu akacomekakw izahabu, akagicurira imigufu y’ifeza.


Ab’i Tarushishi bādandaza nawe kubg’ ibitayega vy’ubutunzi bgawe bg’uburyo bginshi; amafeza n’ivyuma n’amabati n’amasāsu ni vyo bākāba ivyawe.


Igihuzu cawe c’ubgato gikozwe mu mpuzu zera derere zijererenze amabara zivuye muri Egiputa, kugira ngo kikubere ibendera; amasufe n’amashigisha vyavuye mu Banyelishahu baba ku kiyaga ni vyo vyakubereye icugamo.


Nunamuye amaso mbona umuntu yambaye impuzu zera, akenyeje izahabu nziza zavuye muri Ufazi.


Kukw ico kigirwamana candurutse ku Bisirayeli, umukozi ni we yagikoze: ereg’ ico s’Imana nya mana: mber’ iyo masa y’i Samariya izovunagurwa.


Ariko Yona ava hasi ngw ahungire Uhoraho i Tarushishi, ave mu nyonga ziwe. Amanuka i Yopa, abona ubgato buja i Tarushishi: atanga ikibuguro, atambukira muri bgo, ngw ajane n’abagiye i Tarushishi, ave mu nyonga z’Uhoraho.


Azobona ibara, ūbgira igiti, ati Ni wikangure! akabarira n’ ibuye ry’ikiragi, ati Haguruka! Mbeg’ ivyo vyoragura? Erega vyayagirijwekw izahabu n’ifeza, arikw imbere nta mpwemu bigira na mba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ