Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 10:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ni nde atogutinya ga Mwami w’amahanga? kuko bikubereye; kuko mu banyabgenge bose bo mu mahanga, uko bāgatsindaje kwose nk’abami, ata wuhwanye nawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 10:7
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe mwubaha; nanje nzobarokora mbakūre mu maboko y’abansi banyu bose.


Kuk’ Uhoraho ahambaye, abereye gushimwa cane: N’uw’ igitinyiro kuruta ibigirwamana vyose.


Maz’ umwami aca abaza abanyabgenge bazi uko vyahora bigenda mu bihe vyashize; (kuk’ ukw ari k’umwami yahora agenza ku bazi ivyagezwe n’imanza bose).


Umwami wacu arahambaye, n’umunyenkomezi nyinshi; Ubgenge bgiwe n’akaburarugero.


Kuk’ ubgami ar’ ubg’ Uhoraho, Kand’ ari we mugabe w’amahanga.


Aduha guhagarara amahanga ku gakanu, Ashira amoko musi y’ibirenge vyacu.


Mber’ abami bose bazomwikubita imbere, Amahanga yose azomusaba.


Wewe, ni wewe nyene uteye ubgoba: Ni nde yoshobora guhagarara mu nyonga zawe umaze kuraka?


Nta gihwanye nawe mu bigirwamana, Mwami; Kandi nta bikorwa biriho bihwanye n’ivyawe.


Mwami, amahanga yose waremye azoza, akwikubite imbere, agusenge: Kandi bazohimbaza izina ryawe,


Ni nde wo mw ijuru yogereranywa n’Uhoraho? Ni nde wo mu bana b’Imana ahwanye n’Uhoraho?


Aramwishura, ati Hoba ejo. Na we aramubarira, ati Bizoba uk’ uvuze, kugira ng’ umenye yukw ata wuhwanye n’Uhoraho Imana yacu.


Ut’ Ubu rero, agira agomore ivyago vyiwe vyose bitere umutima wawe, n’abanyarugo bawe, n’abantu bawe, kugira ng’ umenye yukw ata wuhwanye na we mw isi yose.


Azocira imanza amahanga, atātūre amoko menshi; inkota zabo bazozivunjamw’ amasuka, n’amacumu bazoyavunjamw’ inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi.


Nta gihwanye nawe, Uhoraho, kuk’ uhambaye, kand’ izina ryawe rikaba irihambaye kubg’ ububasha bgawe.


muti Mbega nta n’ukuruha mumutinya? ni k’Uhoraho abajije; muti Nta guhindira agashitsi imbere yiwe, kand’ ari we yashinze umusenyi ng’ ubere ikiyaga akarimbi, ni co cagezwe kizokwamaho, ngo ntikikarēngāne? Mbere nah’ imipfunda yaco yosuriranya, ntiyowutsinda; naho yobomborana, ntiyowurēngāna.


Daniyeli yishura umwami, at’ Ibanga wasobanuza nta banyabgenge boshobora kurikumenyesha mwami, cank’ abapfumu cank’ abanyamarēba cank’ abamenyi;


ariko mw ijuru har’ Imana ihishura amabanga, kandi ni yo yakumenyesheje ibizobaho mu bihe bizoza, mugenzi. Inzozi zawe n’ivyo werekewe mu mutwe uri ku kirwa vyar’ ibi:


Uhoraho, numvise inkuru zawe, nabonye igikorwa cawe: Ewe Uhoraho, hēmbūra ico gikorwa cawe hagati mur’ iyi myaka, Hagati mur’ iyi myaka ukimenyekanishe; Mu burake wame wibuka kugira akagongwe.


Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.


Kuk’ uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand’ ahantu hose barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Ariko ndabereka iyo mukwiye gutinya: mutinye Iyiheza kwica umuntu, ikagira ububasha bgo kumukororera muri Gehinomu. Ni koko, ndababgire, abe ari yo mutinya.


ariko kuri twebge har’ Imana imwe, Data wa twese, yandurukwamwo na vyose, natwe twabesherejweho kuba abayo: kandi har’ Umwami umwe, ni Yesu Kristo, abeshaho vyose, natwe akatubeshaho.


kugira ngw amahanga yose yo mw isi amenye yuk’ ukuboko kw’Uhoraho gukomeye, batinye Uhoraho Imana yanyu ibihe vyose.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


Ni nde atazogutinya ga Mwami, cank’ atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kukw amateka yawe agororotse aseruwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ