Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 10:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Nta gihwanye nawe, Uhoraho, kuk’ uhambaye, kand’ izina ryawe rikaba irihambaye kubg’ ububasha bgawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 10:6
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni co gituma ur’ ūhambaye, Uhoraho Mana, kukw ata wuhwanye nawe, kand’ ata yindi Mana iriho twigeze kwumva atari wewe.


Kuk’ Uhoraho ahambaye, abereye gushimwa cane: N’uw’ igitinyiro kuruta ibigirwamana vyose.


Mbitegereje, mva hasi mbarira abakuru n’abaganza n’abandi bose, nti Ntimubatinye. Mwibuke Umwami Imana, ahambaye ateye ubgoba, murwanire bene wanyu, n’abahungu banyu n’abakobga banyu n’abagore banyu n’ingo zanyu.


None, Mana yacu, Mana nkuru, uhambaye uteye ubgoba, ni wewe ugumya isezerano n’ikigongwe, turakwinginze amagorwa yose twabonye ntuyite ikintu coroshe, ayatubayeko twe n’abami bacu, n’abakuru bacu, n’abaherezi bacu, n’abavugishwa bacu, na ba sogokuruza bacu, eka n’abantu bawe bose, uhereye igihe c’abami b’i Ashuri ugashitsa na bugingo n’ubu.


Uhoraho arahambaye, abereye gushimwa cane: Ubukuru bgiwe ntibushobora guserangurika.


Umwami wacu arahambaye, n’umunyenkomezi nyinshi; Ubgenge bgiwe n’akaburarugero.


Amagufa yanje yose azovuga, at’ Uhoraho, ni nde ahwanye nawe? Kuk’ ukiza umugorwa abamurusha inkomezi, Ugakiza umugorwa n’umukene ababambura.


Uhoraho arahambaye, abereye gushimirwa cane Ku murwa w’Imana yacu, ku musozi wayo wera.


Kuk’ Uhoraho ahambaye, abereye gushimwa cane: N’uw’ igitinyiro kuruta ibigirwamana vyose.


Uhoraho, mu vyitwa imana n’iyihe ihwanye nawe? N’iyihe ihwanye nawe, wewe w’icubahiro kivuye mu kwera, Wewe uteye ubgoba kubg’ ibihambaye ukora, wewe ukora ibitangaza?


Aramwishura, ati Hoba ejo. Na we aramubarira, ati Bizoba uk’ uvuze, kugira ng’ umenye yukw ata wuhwanye n’Uhoraho Imana yacu.


Ut’ Ubu rero, agira agomore ivyago vyiwe vyose bitere umutima wawe, n’abanyarugo bawe, n’abantu bawe, kugira ng’ umenye yukw ata wuhwanye na we mw isi yose.


Semerera, uvuge cane, yewe uba i Siyoni, kuk’ Uwera w’Abisirayeli, ari hagati muri mwebge, ahambaye.


None rer’ Imana mwoyigereranya na nde, canke mwoyishushanya n’ishusho ki?


None rero mwongereranya na nde twongana? ni k’Uwera abajije.


None rero mwongereranya na nde twongana? Kandi mwonshushanya na nde twosa?


Mwibuke ivyabanje kubaho kera; kukw ari jewe Mana, ata yindi; ni jewe Mana, nta yindi duhwanye.


Arik’ Umugabane w’ aba Yakobo we si kw ameze, kukw ari we Muremyi wa vyose; kand’ Abisirayeli ni bo muryango yagize ishamvu yiwe: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe.


Ni wewe ugirira imbabazi ibihumbi n’ibihumbi, ibigabitanyo vya ba se ubihōra n’abana babo babasubiriye mu gishingo: ni wewe ūhambaye, Imana y’ubushobozi, y’izina ryitwa Uhoraho Nyen’ ingabo:


Es’ ukuntu ibimenyetso vyayo ar’ ibikomeye, n’ibitangaza vyayo ar’ ibihambaye! Ubgami bgayo n’ ubgami butazoshira, kand’ ingoma yayo izohangama ukw ibihe bikūranwa.


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


Kuk’ uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand’ ahantu hose barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


ariko kuri twebge har’ Imana imwe, Data wa twese, yandurukwamwo na vyose, natwe twabesherejweho kuba abayo: kandi har’ Umwami umwe, ni Yesu Kristo, abeshaho vyose, natwe akatubeshaho.


Kukw igitandara ca ba bandi kidahwanye n’icacu, Mbere n’abansi bacu ubgabo barabizi.


Nta gihwanye n’Imana yawe, ewe Yeshuruni, Iza ireruwe n’ijuru, izanywe no kugutabara, Iza ireruwe n’ibicu, iri n’ igitinyiro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ