Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 10:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ben’ ivyo bishushanyo bisa n’ibikanganyoni bishinzwe mu mirima, bitazi kuvuga: bikwiye guterurwa kuko bidashobora kwijana. Ntimukabitinye; kuko bidashobora gukora ikibi, canke ngo bibashe gukora iciza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 10:5
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko bābīra imasa bahawe, barayibāga, maze batakambira izina rya Bayali, uhereye mu gitondo ugashitsa mu mashōka, bavuga, bat’ Ewe Bayali, n’utwumvire! Ariko ntihagira ijwi ryumvikana cank’ ikibishura na mba. Basimbagurika bicumbagiza hirya no hino y’igicaniro bubatse.


Ni co catumye uburake bg’Uhoraho buziriringira Amaziya, amutumak’ umuntu yavugisha; uno muntu aramubaza, ati N’iki gituma urondera imana zitākijije bene zo ngo zibakūre mu maboko yawe?


Kand’ Abanyamowabu ni barasuka, bakaja kwigorera mu bitabo, bakaja mu bigabiro ngo basenge, nta co bizobamarira.


Ni mukorane, ni muze, mwīgirire hafi hamwe, mwebge abarokotse bo mu mahanga: abīkorera igiti c’ikigirwamana cabo c’ikibāzano, bagasenga imana idashobora gukiza, nta bgenge bagira.


Beli irarundutse, Nebo irubamye; ibishushanyo vyazo biremētswe ingamiya n’inka; bimwe mwarerura mushogamanga bicitse umutwaro ugenda uravuna inka.


Maze bakayishira ku bitugu bakayirerura, bakayishinga mu kibanza cayo, igahagararaho ntisegenye; mbere nah’ umuntu yoyitakambira, ntiyoshobora kumwishura, canke ngw imukize amagorwa yiwe.


Non’ umuntu wese kw ar’ ikiyingiyingi ata bgenge agira! Umucuzi w’izahabu wese azotēterezwa n’igishushanyo ciwe yasaruye, kukw igishushanyo ciwe yavugutiye mu nkero ar’ ic’ ibinyoma, kandi nta mpwemu ziba muri vyo.


Azobona ibara, ūbgira igiti, ati Ni wikangure! akabarira n’ ibuye ry’ikiragi, ati Haguruka! Mbeg’ ivyo vyoragura? Erega vyayagirijwekw izahabu n’ifeza, arikw imbere nta mpwemu bigira na mba.


Murazi yuko mukir’ injabuka mwakwegwa, mukaja ku bigirwamana bitazi kuvuga, nk’uko mwabikwegeweko.


Nuko, ku vyo kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, turazi yukw igishushanyo atar’ ikintu mw isi, kandi yukw ata mana yindi iriho, atar’ Imwe.


Muzohasabira imana zābājwe n’intoke z’abantu mu biti no mu mabuye, zitaruha zibona canke ngo zumve canke ngo zirye canke ngo zimoterwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ