Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 10:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kukw imigenzo y’amahanga ar’ iy’ ubusa: baca igiti co mu kibira, amaboko y’umuhumbizi akagitunganisha incabiti.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 10:3
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ibigirwamana vyabo n’ifeza n’izahabu, N’ibikorwa n’amaboko y’abantu.


Ni mukorane, ni muze, mwīgirire hafi hamwe, mwebge abarokotse bo mu mahanga: abīkorera igiti c’ikigirwamana cabo c’ikibāzano, bagasenga imana idashobora gukiza, nta bgenge bagira.


Nanje nzokwātamīra amateka mbaciriye kubg’ ibibi vyabo vyose bākoze; kuko bāndetse, bakosereza imibavu izindi mana, bagasenga ivyakozwe n’intoke zabo.


Ariko bose uko bangana n’ibiyingiyingi n’ibipfu; ukwigisha kw’igishushanyo guhwanye n’igiti buti.


Mu bigirwamana vy’imburakimazi vy’ amahanga har’ ivyoshobora kurekura imvura? Cank’ ijuru ubgaryo ryoshobora kurekura iy’ umurindi? Mbeg’ ūbishobora si wewe Uhoraho Mana yacu? Ni co gituma tukwitega; kukw ari wewe waremye ivyo vyose.


Ewe Uhoraho, nkomezi zanje, gihome canje, buhungiro bganje ku musi w’amagorwa, amahanga azoza kuri wewe avuye mw isi yose iy’ iva ikagera, bavuge, bati Ba sogokuruza bacu nta kindi bārazwe atar’ ibinyoma n’ivy’ ubusa n’ibitagira ikimazi.


uku ni k’Uhoraho agize, ati N’ibigabitanyo ki ba sogokuruza banyu bānsanganye, ko bāngiye kure, bagakurikira ibitagira ikimazi, na bo ubgabo bagahinduka imburakimazi?


Ni co gituma mukwiye kwitondera ivyo mbihanikirije, kugira ngo ntimuze mugire n’umwe mur’ iyo migenzo izira mukora, yakorwa n’ababatanguriye kuhaba, ngo muyiyandurishe: nd’ Uhoraho Imana yanyu.


Kandi ni mwasenga, ntimukabomboranye amanwa nk’ukw abanyamahanga bagira: biyumvira yuko bazokwumvirwa kubg’ amajambo yabo menshi.


Murabona kandi murumva yukw atari muri Efeso honyene, ariko nko muri Asiya hose, umwe Paulo yoheje abantu benshi akabahindura, at’ Imana zākozwe n’intoke si zo mana.


kuko bāmenye Imana ntibayubahe nk’Imana, ntibayishime; ariko bācitse abiyumvira ivy’ ubusa, imitima yabo y’imburabgenge icura umwiza.


Muzi yukw ivyo mwacungujwe ngo muve mu ngeso zanyu z’imburakimazi mwatojwe na ba sogokuruza atar’ ibishira, nk’ifeza cank’ izahabu,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ