Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 10:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Arik’ Umugabane w’ aba Yakobo we si kw ameze, kukw ari we Muremyi wa vyose; kand’ Abisirayeli ni bo muryango yagize ishamvu yiwe: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 10:16
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho ni we mugabane wanje: Navuze yuko nzokwitondera amajambo yawe.


Kuk’ Uhoraho yitoranirije Yakobo, Isirayeli yamutoranirije kuba uwiwe bgite.


Ndagutakambira, Uhoraho we, Nkakubgira, nti Ni wewe buhungiro bganje, N’umugabane wanje mw isi y’abakiriho.


Ijambo ry’Uhoraho ni ryo ryāremye ijuru, Impwemu zo mu kanwa kiwe ni zo zāremye ingabo zose zo kuri ryo.


Umubiri wanje n’umutima wanje bishira umunywera, Arikw Imana ni yo gitandara umutima wanje uhungirako, kandi ni yo mugabane wanje ibihe vyose.


Ibuka ikoraniro ryawe waguze kera, Iryo wacunguriye kuba ubgoko bg’ishamvu yawe, Bo n’umusozi Siyoni, aho wagerereye.


Uti None rero, ni mwamwumvira vy’ ukuri, mukitondera isezerano ryiwe, muzomubera inyegu yiharije, yitoranirije mu mahanga yose: uti Kukw isi yose ar’ iyiwe;


Aravuga, ati Mwami, namba ngiriwe ubuntu imbere yawe, none ndakwinginze Mwami, n’ugendere hagati muri twebge, nah’ ar’ ihanga ritagonda izosi; uharire ibigabitanyo vyacu n’ibicumuro vyacu, wemere kuduhindura ishamvu yawe.


Uhoraho yaremye ikintu cose ngo kigire ico gikora, Mbere n’abanyakibi na bo yabashizeho ngo babone umusi mubi.


kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ahahaye umugisha, ati Hahirwe Abanyegiputa abantu banje, n’Abashuri igikorwa c’amaboko yanje, n’Abisirayeli ishamvu yanje.


Ni jewe nkomoko y’umuco, nd’ umuremyi w’umwiza; nd’ isōko y’impore, nd’umuremyi w’ivyago: ni jewe Uhoraho nkora ivyo vyose.


ni k’Umucunguzi wacu agize, izina ryiwe n’Uhoraho Nyen’ ingabo, Uwera w’Abisirayeli.


Nari narakiye abantu banje, mpindura igihumane ishamvu yanje, ndabakugomorera; nawe nta kagongwe wabagiriye, abatāma wabatwaje amanyama birengeje.


Kuko jewe nd’ Uhoraho Imana yawe, ntera ikiyaga gusuriranya, imipfunda yaco ikabomborana: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryanje.


Kuko jewe Umuremyi wawe ari jewe mugabo wawe; Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryanje; Uwera w’Abisirayeli ni jewe Mucunguzi wawe; nzokwitwa Imana y’isi yose.


Rurema ni yo yaremesheje isi ubushobozi bgayo, ikayihamangirisha ubgenge bgayo, ikagaranzuza ijuru ukumenya kwayo;


Nta gihwanye nawe, Uhoraho, kuk’ uhambaye, kand’ izina ryawe rikaba irihambaye kubg’ ububasha bgawe.


Uku ni k’Uhoraho agize, uwatanze izuba ngo ribe umuco w’ umurango, akagera ukwezi n’ inyenyeri ngo vyake mw ijoro, ni we azīkurura ikiyaga ngw imipfunda yaco ibomborane: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe:


Ni wewe ugirira imbabazi ibihumbi n’ibihumbi, ibigabitanyo vya ba se ubihōra n’abana babo babasubiriye mu gishingo: ni wewe ūhambaye, Imana y’ubushobozi, y’izina ryitwa Uhoraho Nyen’ ingabo:


rit’ Uhoraho abikora, Uhoraho abirema akabikomeza, Uhoraho ni ryo zina ryiwe, uku ni kw agize,


Nk’uko ndiho, ni k’Umwami agize, ari we yitwa Uhoraho Nyen’ ingabo, n’ukuri nk’uko Tabora umeze ku yindi misozi, kandi nk’ uko Karumeli umeze ku kiyaga, ni k’ūgiye kuza azoza ameze.


Arik’ Umucunguzi wabo arakomeye: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe; azobītsa mu manza zabo, kugira ngw ahe isi kuruhuka, arikw atere ababa i Babuloni imitima ihagaze.


Arik’ umugabane wa Yakobo we si kw ameze, kukw ari we Muremyi wa vyose; kandi Isirayeli ni we muryango yagize ishamvu yiwe: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe.


Uhoraho ni we mugabane wanje, ni k’umutima wanje wama uvuga; ni co gituma nzohora mmwizigira.


Rāba, Umwe yabumvye imisozi, akarema n’umuyaga, akamenyesha umuntu ivyo yiyumvira, agahindura umutwenzi ukaba umwiza, kand’ agatambagira ku mpinga z’imisozi yo mw isi: izina ryiwe yitwa Uhoraho, Imana Nyen’ ingabo.


Maz’ Uhoraho azohindura i Buyuda habe ishamvu yiwe yo mu gihugu cera, kand’ azokwongera kwirobanurira Yerusalemu.


Kukw abantu b’Uhoraho ari bo mugabane wiwe, Aba Yakobo ni bo shamvu y’ aho yigereje ibango.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ