Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 10:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Rurema ni yo yaremesheje isi ubushobozi bgayo, ikayihamangirisha ubgenge bgayo, ikagaranzuza ijuru ukumenya kwayo;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 10:12
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ubga mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi.


Kandi nta gati ko ku misozi karibgabeho kw isi, nta n’akatsi ko ku misozi karibgamere, kuk’ Uhoraho Imana ataribgarekurire imvura kw isi, kandi nta muntu yariho wo kuyirima;


Kukw ibigirwamana vy’amahanga vyose ar’ ubusa, Arik’ Uhoraho ni we yaremye amajuru.


Yagaranzuye i burārūko ihashinga ku kirēre, Isi iyenetsa ku busa.


Mbega woshobora kwaganura ijuru ufatanije na yo, Kandi rikomeye nk’icirore cavugutiwe mu nkero?


Igaranzura amajuru iri yonyene, Ikagendera ku mikuba y’ ikiyaga.


Wifubika umuco nk’umwambaro; Ugaranzura ijuru nk’ihema.


Uhoraho we, ereg’ ibikorwa vyawe n’ivy’ uburyo bginshi! Vyose wabikoresheje ubgenge: Isi yuzuye ubutunzi bgawe.


Ukwizigirwa kwawe kwamaho gushitsa ibihe vyose; Washinze isi, igumaho.


Kukw ari we yashize amatanguriro yayo ku biyaga, Yayihamangiye ku mazi menshi.


Ijambo ry’Uhoraho ni ryo ryāremye ijuru, Impwemu zo mu kanwa kiwe ni zo zāremye ingabo zose zo kuri ryo.


Izibiza kubomborana kw’ibiyaga, kubomborana kw’imipfunda yavyo, N’imivurungano y’amahanga.


Yubaka urusengero rwayo rwera rusumba impinga z’ imisozi, Ruguma nk’isi yahamangiye gushitsa ibihe vyose.


Uhoraho arahangamye, avogereye mu cubahiro; Uhoraho aravogereye, akenyeje inkomezi. Noneh’ isi na yo irashimangiye, ntinyiganyizwa.


Uhoraho yashirishijeho isi ubgenge; Ugutahura ni kwo yagumishije ijuru.


Ni nde yadūze mw ijuru, akamanuka? Ni nde yakoranirije umuyaga mu bipfunsi vyiwe? Ni nde yatēkeye amazi mu mwambaro wiwe? Ni nde yashimangiye impera zose z’isi? Izina ryiwe ni nde, cank’ izina ry’umwana wiwe, namba worimenya?


at’ Uhoraho Nyen’ ingabo, Mana y’Abisirayeli, uvyagiye ku bakerubi, ni wewe Mana wenyene y’ibihugu vy’abami bose bo mw isi, ni wewe waremye ijuru n’isi.


Iyo ni yo ivyagiye ahihese hejuru y’isi, ababa mw isi bameze nk’uduhori; ni yo igaranzura amajuru nk’impuzu y’agakangayenzi, ikayāgānura nk’ihema ryo kubamwo;


Uku ni kw Imana Uhoraho agize, uwaremye amajuru akayāgānura, uwagaranzuye isi n’ivy’ imera, uwahaye abantu bo muri yo guhumeka, kand’ abayigendako akabaha ubugingo:


Uku ni k’Uhoraho agize, Umucunguzi wawe, uwakubumvye uhereye ukiri mu nda, ati Ni jewe Uhoraho ndema vyose, nāguye ijuru nd’umwe, ngaranzura isi: har’ uwo twari kumwe?


Ni jewe naremye isi, kandi ndayiremerakw abantu; ni jewe nibambiye amajuru n’amaboko yanje, kand’ ingabo z’inyenyeri zose zo kuri yo ndazigaba.


Uku ni k’Uhoraho agize, uwaremye amajuru, ni we Mana; uwabumvye isi akayirema; yarayikomeje, ntiyayiremye ngw ibek’ ubusa gusa, ariko yayibumvye kugira ngw ibekw abantu: ati Ni jewe Uhoraho, kandi nta wundi.


Mber’ ukuboko kwanje ni kwo kwashizeh’ itanguriro ry’isi, n’ukuboko kwanje kw’i buryo ni kwo kwabamvye ijuru: iyo mbihamagaye bivira hasi rimwe.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Mu gihe co kwemererwamwo ndakwishuye, no ku musi wo gukirizwako ndagutabaye; kandi nzogukiza, ngushireho ube isezerano ry’abantu, kugira ng’ usibure igihugu, utume basubizwa mw ishamvu yabo yabaye imisaka.


iy’ ishize ijwi hejuru haba gusūma kw’amazi yo hejuru; irandisha ibipfungu bikava ku mpera y’isi; iremera imvura imiravyo, kand’ isokorora umuyaga mu bubīko bgayo.


Arik’ Umugabane w’ aba Yakobo we si kw ameze, kukw ari we Muremyi wa vyose; kand’ Abisirayeli ni bo muryango yagize ishamvu yiwe: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe.


Mu bigirwamana vy’imburakimazi vy’ amahanga har’ ivyoshobora kurekura imvura? Cank’ ijuru ubgaryo ryoshobora kurekura iy’ umurindi? Mbeg’ ūbishobora si wewe Uhoraho Mana yacu? Ni co gituma tukwitega; kukw ari wewe waremye ivyo vyose.


mut’ Uhoraho agize ngo Ni jewe naremye isi, n’abantu n’ibikōko biri kw isi, mbiremesha ubushobozi bganje bginshi n’ukuboko kwanje kurāmvuye; kand’ ivyo mbigabira uwo ngomba.


nt’ Ewe Mwami Uhoraho! Erega ni wewe waremye ijuru n’isi, ubiremesha ubushobozi bgawe buhambaye, n’ukuboko kwawe kurāmvuye: nta kintu na kimwe kikunanira.


Imbūri y’ijambo ry’Uhoraho yo ku Bisirayeli. Uku ni k’Uhoraho agize, uwāgānuye amajuru agashirah’ itanguriro ry’isi, akarema impwemu yo mu muntu,


vyose vyaremwe na we, mu vyaremwe vyose nta kintu na kimwe kitaremwe na we.


kuko muri we ari ho vyose vyaremewe, ivyo mw ijuru n’ivyo mw isi, ibiboneka n’ibitaboneka, ur’ intebe z’icubahiro, ur’ ubgami, ur’ ubukuru, ur’ ububasha: vyose vyaremwe na we, biremerwa kuba ivyiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ