Kandi nta gati ko ku misozi karibgabeho kw isi, nta n’akatsi ko ku misozi karibgamere, kuk’ Uhoraho Imana ataribgarekurire imvura kw isi, kandi nta muntu yariho wo kuyirima;
Ni nde yadūze mw ijuru, akamanuka? Ni nde yakoranirije umuyaga mu bipfunsi vyiwe? Ni nde yatēkeye amazi mu mwambaro wiwe? Ni nde yashimangiye impera zose z’isi? Izina ryiwe ni nde, cank’ izina ry’umwana wiwe, namba worimenya?
at’ Uhoraho Nyen’ ingabo, Mana y’Abisirayeli, uvyagiye ku bakerubi, ni wewe Mana wenyene y’ibihugu vy’abami bose bo mw isi, ni wewe waremye ijuru n’isi.
Uku ni k’Uhoraho agize, ati Mu gihe co kwemererwamwo ndakwishuye, no ku musi wo gukirizwako ndagutabaye; kandi nzogukiza, ngushireho ube isezerano ry’abantu, kugira ng’ usibure igihugu, utume basubizwa mw ishamvu yabo yabaye imisaka.
Arik’ Umugabane w’ aba Yakobo we si kw ameze, kukw ari we Muremyi wa vyose; kand’ Abisirayeli ni bo muryango yagize ishamvu yiwe: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe.