Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 10:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Uk’ ukwiye kubabgira n’uku: ut’ Imana zitāremye ijuru n’isi, izo ni zo zizoherengetezwa mw isi no musi y’ijuru.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 10:11
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kukw ibigirwamana vyose vy’amahanga ar’ ubusa, Arik’ Uhoraho ni we yaremye amajuru.


Nzoserura ukugororoka kwawe n’ibikorwa vyawe; ariko ntibizogira ico bigufasha.


N’ivy’ ubusa gusa, n’igikorwa c’uruhendo; igihe cabo co kūzirwa bizoherengetezwa.


Kand’ azokwanda umuriro amazu y’ibigirwamana vy’Abanyegiputa; azoyaturira, abijane kw inyagano: kand’ azokwirenza igihugu ca Egiputa nk’uk’ umwungere yirenza umutamana wiwe; kand’ azovayo ar’ amahoro.


Kand’ azohomvagura inkingi ziri mu rusengero rw’izuba, ruri mu gihugu ca Egiputa; kand’ amazu y’ibigirwamana vy’Abanyegiputa azoyatongoza umuriro.


Mubitāngāze mu mahanga, muvyamamaze, mushinge ibendera; muvyamamaze, ntimubihishe, mut’ I Babuloni haratsinzwe, ikigirwamana Beli kiratēterewe, Merodaki kiravunaguritse; ibishushanyo vyaho biratēterewe, ibigirwamana vyaho biravunaguritse.


N’ivy’ ubusa gusa, n’igikorwa c’uruhendo; igihe cabo co kūzirwa bizoherengetezwa.


Uzobirukana uri n’uburake, uzobaherengeteza musi y’ ijuru ryawe, ewe Uhoraho.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati N’ibigirwamana na vyo nzobihonnya, kandi nzoherengeteza ibishushanyo muri Nofu; nta muganwa azosubira kuboneka mu gihugu ca Egiputa; kandi nzoshira ibiteye ubgoba mu gihugu ca Egiputa.


Uhoraho azobabera agaterabgoba: kukw azocobogoza ibigirwamana vyose vyo kw isi; maz’ abantu bazomwunamira, umuntu wese ah’ ari, mbere n’ibizinga vyose vyo mu kiyaga vy’abanyamahanga.


Kandi kur’ uwo musi nzoherengeteza amazina y’ibigirwamana mu gihugu, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, vyoye kuzokwibukwa ukundi; kandi ba kamenyi nzobamaririkanya mu gihugu bo n’impwemu zihumanye.


Afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani, akiboha ngo kimare imyaka igihumbi,


Bukeye bgaho, mu mavyuka ya kare nyene, basanga Dagoni yongeye gutemba yubamye imbere y’isandugu y’Uhoraho, kand’ umutwe n’ibikonjo vyayo vyahimbaguritse vyayivuyeko, bitembagara mu rwinjiriro; hari hasigaye umutumba wayo gusa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ