Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati N’ibigirwamana na vyo nzobihonnya, kandi nzoherengeteza ibishushanyo muri Nofu; nta muganwa azosubira kuboneka mu gihugu ca Egiputa; kandi nzoshira ibiteye ubgoba mu gihugu ca Egiputa.
Kandi kur’ uwo musi nzoherengeteza amazina y’ibigirwamana mu gihugu, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, vyoye kuzokwibukwa ukundi; kandi ba kamenyi nzobamaririkanya mu gihugu bo n’impwemu zihumanye.