Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 10:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Arik’ Uhoraho ni we Mana y’ukuri; ni we Mana nzima, n’Umwami yamaho ibihe bidashira: uburake bgiwe buhindisha isi agashitsi, kand’ amahanga ntashobora kwihanganira ubushangashirwe bgiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 10:10
69 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburahamu atera igiti citwa umwesheri i Beri‐sheba, yambarizay’ izina ry’Uhoraho, Imana ihoraho.


Maz’ abantu bose babibonye, barunama bashika hasi, baravuga, bat’ Uhoraho ni we Mana, Uhoraho ni we Mana!


kugira ngw amahanga yose yo mw isi amenye k’Uhoraho ari we Mana, ata yindi.


Uhoraho, ubukuru n’ubushobozi n’icubahiro n’ inganji n’igitinyiro n’ivyawe; kukw ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi vyose ar’ ivyawe; ubgami n’ubgawe, ewe Uhoraho, kandi ni wewe ushizwe hejuru ng’ube ūsumba vyose.


Erega har’ igihe kirekire Abisirayeli bāmaze batagira Imana nyakuri, batagira abaherezi bo kubigisha, badafise n’ivyagezwe.


Itigitisha isi, igatirimuka ahantu hayo, Inkingi zayo zikanyiganyiga.


Uhoraho ni we Mwami ibihe bitazoshira, Abanyamahanga bārandukiye mu gihugu ciwe.


Mumenye yuk’ Uhoraho ari we Mana: Ni we yaturemye, natwe tur’ abiwe, Tur’ abantu biwe, tur’ intama zo mu canya ciwe.


Kuk’ Uhoraho ari mwiza, imbabazi ziwe zihorah’ ibihe bidashira, Kand’ ahora ar’ umwizigirwa no gushitsa ibihe vyose.


Arāba isi, igahinda agashitsi; Akora ku misozi, igafumba umwotsi.


Ewe si, hindira agashitsi imbere y’Umwami, Imbere y’Imana ya Yakobo,


Ubgami bgawe n’ubgami bg’ ibihe bidashira, Ubugabe bgawe buzohangama uk’ urunganwe ruzogenda rukurikira urundi.


Ni we yaremye ijuru n’isi, N’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose; Agumya ukuri gushitsa ibihe bidashira.


Maz’ isi iratigita, ihinda agashitsi, Amatanguriro y’imisozi na yo aranyiganyiga, Atigitishwa n’uburake bgayo.


Uhoraho yar’ avyagiye hejuru ya wa Mwuzure: Ni koko, Uhoraho avyagiye ahangamye ibihe bidashira.


Mu kuboko kwawe ni ho nshize ubugingo bganje; Warancunguye Uhoraho, we Mana y’ukuri.


Umutima wanje ugirira Imana inyota, Imana nzima: Nzoza ryari ngo nseruke mu nyonga z’Imana?


Umwami Imana yaravuze: Abagore bakwiza inkuru baba ingabo nyinshi.


Isi yahinze agashitsi, Amajuru ashongera imbere y’Imana: Sinayi uriya uhindira agashitsi imbere y’Imana, ni yo Mana y’Abisirayeli.


Arikw Imana yahoze ar’ Umwami wanje uhereye kera, Ivy’ agakiza ibikorera hagati mw isi.


Wewe, ni wewe nyene uteye ubgoba: Ni nde yoshobora guhagarara mu nyonga zawe umaze kuraka?


Wumvikanishije amateka uri mw ijuru: Isi yaratinye, iracereza,


Imituragaro y’inkuba yawe yari mu gashururu: Imiravyo ibonesha mw isi, Isi ihinda agashitsi, iratigita.


Ubugingo bganje buri n’ umuvuro, mbere budendebuwe no kwifuza inyubakwa z’Uhoraho; Umutima wanje n’umubiri wanje bivugiriza impundu Imana nzima.


Azocira isi imanza zibereye, Azoshikiriza amahanga imanza z’ukuri.


Ni nde azi inkomezi z’uburake bgawe? Akamenya n’ubushangashirwe bgawe, ingene wewe ukwiye kwubahwa?


Imisozi itaravuka, Utararamukwa isi n’ibihugu, Uhereye ibihe bidashira, ugashitsa ibihe bidashira, ni wewe Mana.


Ingoma yawe yarahamye uhereye kera, Wamyeho uhereye kera hose.


Imiravyo yiwe yabonesheje mw isi, Ibihugu birabibona, bihinda agashitsi.


Tega ugutwi Uhoraho, wumve; tereza inyonga zawe, Uhoraho, witegereze; wumve amagambo yose ya Senakeribu yatumye ino kugutuka wewe Mana nzima.


Ngo Kumbure Uhoraho Imana yawe yokwumva amagambo ya Rabushake, ayo shebuja umwami w’i Ashuri yamutumye gutuka Imana nzima, Uhoraho Imana yawe akamuhana kubg’ ayo magambo yumvise. Ngo Nuko rero, shirak’ usenge, usabire amasigarira agisigaye.


Ereg’ amahanga ameze nk’ ima ry’amazi riri mu mubindi, agereranywa n’umukungugu ufashe ku munzane; rāba aterura ibizinga vyo mu kiyaga nk’ah’ ar’ akantu gato k’ubusa.


Ntiwaribgabimenye? Nturavyumva? Uhoraho n’Imana ihoraho, Umuremyi w’impera z’isi; ntadendebukirwa, nta ho aruha; ubgenge bgiwe ntibuserangurika.


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


Nuk’ uwo mu gihugu yisabīra umugisha n’awusabe Imana y’ukuri, kand’ uwo mu gihugu arahira, n’arahire Imana y’ukuri; kukw amagorwa ya mbere yibagiranye, agahishwa inyonga zanje.


Imbūri y’Uhoraho ntimuze muyivuge ukundi: kukw ijambo ry’umuntu wese ari ryo rizomubera imbūri; erega mwagoretse amajambo y’Imana nzima, ni yo y’Uhoraho Nyen’ ingabo Imana yacu.


kand’ uzorahira uguhoraho kwanje Uhoraho mu vy’ukuri no mu biroranye no mu bugororotsi, maz’ amahanga azohezagiranira muri jewe, kandi ni jewe azokwirata.


Nararāvye, mbona imisozi, nsanga ihinda agashitsi, n’uturambi twose n’uko, turi mu gatengo.


Isi ihindishwa agashitsi no kwumva gutsindwa kw’i Babuloni: amarūru yaho yumvikana mu mahanga.


Isi ihinze agashitsi, irasambagirika: kukw imigabo Uhoraho yagīriye i Babuloni igihamye, ngw ahindure igihugu c’i Babuloni ibitongozi, ata wukihaba.


Es’ ukuntu ibimenyetso vyayo ar’ ibikomeye, n’ibitangaza vyayo ar’ ibihambaye! Ubgami bgayo n’ ubgami butazoshira, kand’ ingoma yayo izohangama ukw ibihe bikūranwa.


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


Nshinze icagezwe ngo mu bgami bganje iyo buva bukagera, abantu bahindire agashitsi imbere y’Imana ya Daniyeli, bayubahe: kukw iyo ari yo Mana nzima, ihora ihangamye ibihe vyose; ubgami bgayo ntibuzokwigera buhangūra, kand’ ingoma yayo izoshika no kw iherezo.


Ni yo irokora igakiza, ikora ibimenyetso n’ibitangaza mw ijuru no mw isi, kandi ni yo yakūye Daniyeli mu menyo y’intambge.


Aca ahabga inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe: ingoma yiwe n’ingoma itazovaho, kand’ ubgami bgiwe n’ubgami butazohangura.


Maz’ Uhoraho akarangurura ijwi imbere y’ igitero ciwe, kukw ingabo ziwe zihambaye cane; ereg’ uwo yama ashitsa ijambo ryiwe n’uw’ ubushobozi! Kuk’ umusi w’Uhoraho ar’ ūhambaye kand’ uteye ubgoba cane: ni nde yoshobora kuwihanganira?


Imisozi izoshongera musi yiwe, n’imyonga isaduke, bibe nk’ishashara ir’ imbere y’umuriro, canke nk’amazi arindimuka ku gatembge.


Imisozi ishizwe mu gatengo na we, n’uturambi turashonze; isi isebagizwa imbere yiwe, isi n’abayibako bose.


Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’ ubushangashirwe bgiwe? Kandi ni nde yoshobora kwihanganira uburake bgiwe bukaze? Uburake bgiwe busukwa nk’umuriro, kandi ni we amenagura ibitandara.


Imisozi yarakubonye, irasambagirika; Amazi arahondogana: I bgina humvikanisha ijwi ryaho, Hatarika amaboko yaho.


Arahagarara, agera ubunini bg’isi; Arāba igitsure, amahanga agahinda agashitsi; Imisozi y’intahava irasanzara, Uturambi tw’inyame turanyika; Ajana inzira ziwe za kera.


Ariko ni nde azoshobora kwihanganira umusi w’ukuza kwiwe, kandi ni nde azoshobora guhagarara ah’ azoserukira? Kukw ameze nk’umuriro uvugutira ubutare, kandi nk’isabuni y’abamesuzi.


Simoni Petero aramwishura, at’ Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.


Ariko Yesu arihorera. Umuherezi mukuru aramubgira, ati Ndakurahiye Imana nzima, tubarire kw ari wewe Kristo, Umwana w’Imana.


Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.


bati Yemwe bagabo, n’iki gitumye mugira murtyo? Natwe tur’ abantu buntu, tumeze nkamwe, kandi tubabgira ubutumwa bgiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,


Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; Kand’ inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri.


Muti Ni nde mu baremwe bose yigeze kwumva ijwi ry’Imana nzima rivugira hagati mu muriro, nk’uko twebge turyumvise, agaheza akabaho ntapfe?


Kuko bose bīvugira ubgabo inkuru z’ingene twaje muri mwebge, kand’ ingene mwahindukiriye Imana, mugaheba ibigirwamana, ngo mukorere Imana nyakuri kandi nzima,


Umwami ahoraho, adapfa, ataboneka, ari we Mana imwe yonyene, igitinyiro n’icubahiro bibe ivyayo, ibihe bitazoshira. Amen.


Wihanize abatunzi bo mu vy’ iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe;


Erega birateye ubgoba gukorokera mu maboko y’Imana nzima.


Araheza aravuga, at’ Iki ni co kigira kibamenyeshe yukw Imana nzima iri muri mwebge, kandi yukw itazobura kwirukana Abanyakanani imbere yanyu, bo n’ Abaheti n’Abahiwi n’Abaferizi n’Abagirugashi n’Abamori n’Abayebusi.


Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira.


Mbona intebe niniya yera, mbona n’Iyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka.


Ewe Uhoraho, igihe wava i Seyiri, Ukīsidukira uvuye mu ntāra ya Edomu, Isi yahinze agashitsi, ijuru rirajojota, Mber’ ibicu bijojota amazi;


Maze Dawidi abaza abantu bahagaze i ruhande yiwe, at’ Uwokwica uwo Mufilisitiya, agakūra igitutsi ku Bisirayeli, bomugororera iki? Mbeg’ uwo Mufilisitiya w’intakebga n’iki, ah’ acōkōra ingabo z’Imana nzima?


Non’ umusavyi wawe ko namaze kwica intambge n’idubu, n’uwo Mufilisitiya w’intakebga azopfa nka kimwe muri vyo, kuko yacōkōye ingabo z’Imana nzima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ