Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 10:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ni mwumve ijambo Uhoraho ababgira, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 10:1
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mikaya arongera, ati None rero ni wumve ijambo ry’Uhoraho: mbonye Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe, ingabo zose zo mw ijuru zimuhagaze i buryo n’i bumoso.


Bantu banje ni mwumve, nanje ndavuga, Wa bgoko bga Isirayeli, ndashinga intahe: Ni jewe ubganje Mana, Imana yawe.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge abaganza i Sodomu; mutegere amatwi ivyagezwe vy’Imana yacu, mwa bantu b’i Gomora.


Nuko rero ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa bacokoranyi mwe, baganza ubu bgoko bur’ i Yerusalemu!


None rer’ Imana mwoyigereranya na nde, canke mwoyishushanya n’ishusho ki?


Uku ni k’Uhoraho agize, Umwami wa Isirayeli, ari we Mucunguzi wiwe, Uhoraho Nyen’ ingabo: ati Nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo, kandi nta yindi Mana atari jewe.


uku ni k’Uhoraho agize, ati Ntimukige ingeso z’amahanga, ntimugahagarikwe imitima n’ivyitwa imbitsi ziboneka mw ijuru, kukw ari zo zihagarika amahanga imitima.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge nzu ya Yakobo, namwe miryango yose y’inzu ya Isirayeli;


uti Ni wumve ijambo ry’ Uhoraho, yewe mwami w’i Buyuda, uri ku ngoma ya Dawidi, wewe n’abasavyi bawe, n’abaca mur’ aya marembo.


none rero gira mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge amasigarira y’i Buyuda: uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ni mwerekeza amaso rwose muri Egiputa, ngw abe ari yo muja kuba;


ni bo Banyegiputa n’Abayuda n’Abanyedomu n’umuryango w’Abamoni n’Abanyamowabu, bose abica amasoso, n’ababa mu bugaragwa; kukw amahanga yose ar’ intakebga, kand’ umuryango wose w’Abisirayeli n’intakebga mu mitima.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli: ereg’ Uhoraho afitaniye imibūrano na ben’ igihugu, kukw ata kuyoboka kuri mu gihugu, cank’ imbabazi, cank’ ukumenya Imana.


Nuko rero nawe nyene ni wumve ijambo ry’Uhoraho: k’uvuze ngo singire ico mvugishwa ku Bisirayeli, canke ngo singire ijambo nzana ku nzu ya Isaka:


Natwe igituma dushima Imana ubudasība, n’uko hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, mutāryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko, rikorera muri mwebge abizera.


Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ