Nanje ngiri isezerano nsezeranye na bo, ni k’Uhoraho agize: impwemu yanje iri kuri wewe, n’amajambo yanje nshize mu kanwa kawe, ntibizova mu kanwa kawe, canke mu kanwa k’abuzukuru bawe, canke mu kanwa k’abuzukuruza bawe, uhereye none ugashitsa ibihe bidashira, ni k’Uhoraho agize.
Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana Nyen’ ingabo, ati Ko bavuga ben’ ayo magambo, ehe ngira mpindure amajambo yanje umuriro mu kanwa kawe, ubu bgoko na bgo ndabuhindure inkwi, ubatongore.