Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Maz’ Uhoraho arāmvura ukuboko ankora ku munwa; Uhoraho arambarira, at’ Ehe nshize amajambo yanje mu kanwa kawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 1:9
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

akanwa kanje yakagize nk’inkota ikarishe, ampisha mu gitūtu c’ukuboko kwiwe; kandi yampinduye umwampi usennye, mu mutana wiwe ni ho anzigamira rwose.


Umwami Uhoraho ampaye ururimi rw’abigishwa, kugira ngo mmenye uko nosindagirisha ūrushe amajambo; ankangura uko bukeye, akangurira ugutwi kwanje kwumva, nk’ukw abigishwa bumviriza.


Kandi nshize amajambo yanje mu kanwa kawe, ngutwikirije igitūtu c’ukuboko kwanje, kugira ngo ngaranzure ijuru risha, nshireh’ amatanguriro y’isi nsha, mbarire ab’i Siyoni, nti Mur’ abantu banje.


Nanje ngiri isezerano nsezeranye na bo, ni k’Uhoraho agize: impwemu yanje iri kuri wewe, n’amajambo yanje nshize mu kanwa kawe, ntibizova mu kanwa kawe, canke mu kanwa k’abuzukuru bawe, canke mu kanwa k’abuzukuruza bawe, uhereye none ugashitsa ibihe bidashira, ni k’Uhoraho agize.


None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni wahindukira nzokugarukana, ubone guhagarara imbere yanje; kandi ni warobanura ivy’ ingirakimazi ukabikūra mu vy’imburakimazi, uzoba nk’akanwa kanje: abandi baze baguhindukirire, ariko weho ntuz’ ubahindukirire.


Nuk’ ūvugishwa n’Imana Yeremiya abarira Zedekiya umwami w’i Buyuda ayo majambo yose ar’ i Yerusalemu,


rit’ Abīra umuzingo w’igitabo, wandikemw’ amajambo yose nakubariye abūrira Abisirayeli n’Abayuda n’amahanga yose, utanguye umusi nakubaririye, uhereye ku ngoma ya Yosiya, ugashitsa no kur’ uyu musi.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana Nyen’ ingabo, ati Ko bavuga ben’ ayo magambo, ehe ngira mpindure amajambo yanje umuriro mu kanwa kawe, ubu bgoko na bgo ndabuhindure inkwi, ubatongore.


Maz’ arongera arambarira, ati Mwana w’umuntu, amajambo yanje yose nzogenda nkubarira uz’ uyākīre mu mutima wawe, uyumvishe n’amatwi yawe.


Nuko haza ukuboko kunkorako, bituma mpfukamika amavi n’ibiganza njugumira.


Maze haza ūfise ishusho nk’iy’ abana b’abantu, akora ku munwa wanje; nca nteranura akanwa, ndavuga mbarira uwar’ ampagaze imbere, nti Databuja, ivyo neretswe vyatumye nsinzikazwa n’umubabaro, ndadendebukiwe.


Maz’ Uhoraho ashira amajambo mu kanwa ka Balamu, aramubarira, ati Subira kuri Balaki, uvuge urtya n’urtya.


Ariko babashengeranye, ntimuze muhagarikire imitima ico muyuga n’ingene muzokivuga, kukw ivyo muvuga muzobihabga mur’ ako kanya.


Agikūra mw ishengero, aracihererana, agishira intoke mu matwi, acira amate, agikora ku rurimi.


Kuko Mpwemu Yera mur’ ako kanya nyene azobategekera ivyo mukwiye kuvuga.


kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.


Bizoba nk’uko mwabisavye Uhoraho Imana yanyu mur’ i Horebu, kuri wa musi mwari mukoranye, aho mwavuga, muti Ntidusubire kwumva ijwi ry’Uhoraho Imana yacu, no kubona urya muriro uhambaye, ntiduhave dupfa.


Ati Nzobahagurukiriza ūvugishwa nanje ava mu b’i wabo, ameze nkawe; ati Nzoshira amajambo yanje mu kanwa kiwe, na we azobabarira ivyo ndamugeze vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ